China: Xi Jinping atanguye ikiringo ca gatatu nk’umukuru w’igihugu, imbonekarimwe

Xi Jinping

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Xi Jinping yatowe n’inama nshingamateka ngo arongore igihugu mu kiringo kigira gatatu.

Ni inyuma y'aho ububasha bwongererejwe inguvu bigatuma Xi w’imyaka 69 ubu aba indongozi ya mbere y’ikirenga inyuma y’imyaka mirongo.

Mu butegetsi bw’Ubushinwa, amabanga y’umukuru w’igihugu ni cane cane ayo guhagararira ibirori.

Inguvu za Xi ziva ku kungene ari Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe w’Abakomunista akongera akaba umukuru w'inama nkuru ya gisirikare (CMC).

Aya mabanga yompi yayaherewe mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe mu kw’icumi guheze.

Vyari vyitezwe cane ko ikiringo ciwe ca gatatu cemezwa. Ikintu gikomeye cane ni igenwa ry’umushikiranganji wa mbere mushasha n’abashikiranganji batari bake mu misi iri imbere.

Vyitezwe cane ko abagiye kugenwa ari abayoboka Xi Jinping. Aha harimwo Li Qiang, afatwa ko ari we azogenwa na Xi nk’umushikiranganji wa mbere.

Kuri uno wa gatanu, Xi niho yahawe ikindi kiringo co kuba umukuru w'inama nkuru ya gisirikare y’Ubushinwa. Hari Inama nkuru za Gisirikare zibiri – imwe ni iy’umugambwe, iyindi nayo ni iy’igihugu – ariko zitunganijwe co kimwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Xi atsimbataje ubutegetsi bwiwe mu gihe Ubushinwa busubiye kwiyugurura mu gukuraho ingingo ruhasha zo kuzibira ca kiza ca Covid-19 zatumye haduka imyiyerekano yo kwiyamiriza reta.

Igihugu kandi gihanganye n’uruvyaro rugenda rugabanuka, iyi ikaba ari ingorane ku butunzi.

Imigenderanire hagati ya Pékin/Beijing na Washington iracari mu bibazo, ikaba iherutse gutosekazwa n’ibirego vy’uko Ubushinwa bwariko buraneka Amerika bukoresheje ibipurizo.

Ian Chong, umuhinga mu vya politiki kuri kaminuza nkuru y’igihugu ca Singapour, yabwiye BBC ati: "Ntibizwi kandi kumbure ntibishobora gushoka bimenyekana ubu nimba inguvu za Xi ziyongereye hamwe n’ugukonganiriza ubutegetsi hamwe bihagije kugira ngo izi ngorane zihere – canke kumbure ibintu bitere vyunyuka.

"Mu buryo bumwe, Xi yibaza ko gukonganiriza vyose mu minwe y’umugambwe ahagarariye ari wo muti w’izi ngorane zitandukanye”.

Iri koraniro rizwi nka Two Sessions ry’inama nshingamateka (National People's Congress, NPC) hamwe n’Inama Mpanuzajambo y’igihugu (Chinese People's Political Consultative Conference, CPPCC) rihanzwe amaso cane kuko ni ryo ryerekana ingene Ubushinwa bugiye kurongorwa mu myaka iri imbere.

Kuva kuri Mao Zedong, abakuru b’igihugu ntibigeze barenza ibiringo bibiri ku butegetsi. Igihe Xi ahindura iyi ngingo mu 2018, vyamutumye aba umutegetsi w’ikirenga atari bwigere abaho kuva kuri Mao.

Kuri uno wa gatanu kandi, inama nshingamateka yagenye Han Zheng w’imyaka 68 yahoze ari muri komite ntayegayezwa y’umugambwe w’Abakomunista nk’icegera c’umukuru w’igihugu.

Akamaro k’iyi ntebe kagenda gahindagurika kuko amabanga yayo adasiguye neza.

Chong avuga ko Han aboneka ko azokurikiza ivyo ategetswe na Xi yongere ahagararire n’imigambi y’umukuru w’igihugu mu gihe bizoba bikenewe.