Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Roe v Wade: Sentare ntahinyuzwa ya US ishobora gusesa uburenganzira bwo gukorora inda
Miriyoni z'abagore muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bashobora gutakaza uburenganzira bw'amategeko bwo gukorora inda, hisunzwe urwandiko rwo muri sentare ntahinyuzwa (Supeme Court, Cour Supreme) rwanyereye rukaja ahabona.
Urwo rwandiko rwasohowe na Politico, rwerekana ko sentare y'ikirenga y'ico gihugu yoba yiteguriye gusesa ingingo yo mu 1973 yatumye gukorora inda vyemerwa n'amategeko mu gihugu cose.
Umukuru wa sentare ntahinyuzwa yemeje ko urwo rwandiko ari urw' ukuri.
Ariko John Roberts avuga ko rudasigura ko ari ingingo ntabanduka y'iyo sentare.
Urwo rwandiko kuva rugiye ahabona rwavyuye ukwitega ko ingingo yo mu 1973 yatumye gukorora inda vyemerwa mu mategeko muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ishobora guseswa, gutyo bigatuma intara ukwazo zica ubwo burenganzira.
Prezida Joe Biden avuga ko iyo ngingo - hamwe yofatwa - yoshobora gutuma ubundi burenganzira buja mu bibazo.
Hamwe sentare ntahinyuzwa yosesa iyo ngingo yiswe Roe v Wade, gukorora inda vyoca bicibwa hafi mu ca kabiri c'intara zigize Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Abacamanza b'iyo sentare bitezwe gushikiriza ingingo mu mpera z'ukwezi kwa Ruheshi (6) canke mu ntango za Mukakaro (7).
Intara ya Mississipi niyo yasavye ko iyo ngingo yoseswa. Urwo rubanza rwumvirijwe muri Kigarama (12).
Iyo ngingo iramutse iteshejwe agaciro, gukorora inda bizoca biba biteye kubiri n'amategeko mu ntara 22. Cumi na zitatu muri izo zaramaze gushiraho amategeko azoca aca ugukora inda ubwo nyene (trigger laws) hamwe itegeko ryitiriwe Roe ryoseswa muri iri ci.
Abagore bashika miriyoni 36 boca batakaza uburenganzira bwo gukorora inda mu buryo bwemewe n'amategeko, hisunzwe ubushakashatsi bwakozwe na Prenthood, ikigo co kwitaho amagara gifasha mu gukorora inda.
Urwo rwandiko rwanyereye - rwitwa "integuro ya mbere" - rusa n'urugaragaza uko ubwiganze bw'abagize sentare biyumvira, Politico ikavuga rwanditswe n'umucamanza Samuel Alito hanyuma rugahanahanwa muri sentare ku wa 10 Ruhuhuma (ukwezi kwa kabiri).
Aho urwo rwandiko rusohokoye ku wa mbere buno nyene rwaciye rwiyamirizwa n'aba Democrats, hongera haba imyiyerekano y'abashigikiye n'abadashigikiye gukorora inda hanze ya sentare ntahinyuzwa i Washington DC.
Abarongozi b'aba Democrats Nancy Pelosi na Chuck Schumer bavugiye hamwe ko mu gihe ibivugwa vyoba ari vyo, sentare ntahinyuzwa yoba "isubije inyuma uburenganzira mu buryo bwa mbere bukomeye mu myaka 50 iheze".
Imigwi igwanya gukorora inda nka Susan B. Anthony List yakiriye neza iyo nkuru.
Wavuze uti: Hamwe ingingo ya Roe koko yoseswa, igikorwa cacu kwoba ari ugushira hamwe kugira dukingire mu buryo bukomeye bushoboka abana baba bataravuka."
Ba buramatari (gouverneurs) b'aba-Democrat mu ntara zitari nke zirimwo California, New Mexico na Michigan batangaje ko bazogumizaho uburenganzira bwo gukorora inda mu mabwirizwa nshingiro y'intara zabo naho sentare ntahinyuzwa yosesa ingingo ya Roe v Wade.
Imigwi ikebana ku wa kabiri yakomeje imyiyerekano hanze ya sentare ntahinyuzwa aho abagwanya gukorora inda bashira mw'ijwi bavuga ngo "Ingingo Roe v Wade itegerezwa kuhava", nabo abashigikiye uburenganzira bwo gukorora inda basemerera bati "gukorora inda n'ukwitaho amagara".
Uwuharanira uburenganzira Reverend Wendy Hamilton yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Ntavyo bazoshikako. Turi benshi kubarusha, kandi tugiye kugwana."
"Uko ni ugusubiza inyuma ibintu vyose twakoreye", uwo n'uwundi ari mu myiyerekano.
Emma Heussner agwanya gukorora inda nawe ati: "Ndanezerwa cane kuba ndi mu bashigikiye ukubaho. N'ikintu gikomeye cane kubona ko ingingo ya Roe v Wade ishobora guseswa."
Ingingo ya Roe v Wade mu 1973 yahaye abagore muri Amerika uburenganziza bwuzuye bwo gurokora inda mu mezi atatu ya mbere inyuma yo gusama, hamwe n'uburenganzira bufise aho bugarukira mu mezi atatu akurikira.
Ariko mu myaka yakurikiye kuva ico gihe, ingingo za sentare zagiye zirasubiza inyuma ubwo burengenzira mu ntara zirenga 10.
Mu 2021 honyene, hafi integuro z'ingingo 600 zigabanya uburenganzira bwo gukorora inda zarizwe mu gihugu cose, 90 ziremezwa mu mategeko. Nizo za mbere nyinshi kurusha mu yindi myaka yose kuva habaye Roe. Vyibazwa ko kuvanaho uburenganzira bwo gukorora inda na cane cane bizokora ku bagore bakenye - ubona ko ari nabo akenshi barondera gukorora inda.
Abagore bageze mu myaka ya 20 nibo baza ku rugero rwa mbere runini mu gukorora inda - mu 2019 bari hafi 57% y'abakoroye inda bari muri uwo mugwi. Abagore b'abirabure nibo bari ku rugero rwo hejuru mu gukorora inda - 27 ku bagore 1.000 bari mu myaka iri hagati ya 15 na 44.