Imvo n'imvano ku Barundi baba mu karere ka Kwale muri Kenya bamaze imyaka irenga 60

Insiguro y'amajwi, Imvo n'imvano ku Barundi baba mu karere ka Kwale muri Kenya bamaze imyaka irenga 60
Yatangajwe
Abarundi Kwale

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Mu kiganiro c’imvo n’imvano c’uyu musi, tuja mu karere ka Kwale, mu bumanuko bwa Kenya, aho tuza kuganira n’abarundi bahaba haraciye imyaka irenga 60. Abo barundi bashitse muri Kenya mu myaka ya za 1950 bagiye gukora mu mirima ya makonge, y’ingatane mu rurimi rw’ikirundi, ibiterwa bakuramwo ubugwegwe. Benshi mubaje ico gihe baramaze gushengera, abana babo bari mu myaka 70. Na bo barashaje.

Abarundi Kwale

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Ikirundi kirabagora ariko barakivuga. Hari n’abacibuka iyo baje bava, abavukanyi eka mbere n’imico hamwe n’imigenzo vy’abarundi. Bavuga ko ababamukako bose barenga igihumbi, ufatiye kubamaze kwiyandikisha baba muri ako karere ka Kwale gusa. Bose ntibagira ibibaranga. Ico kikaba ari co kibazo nyamukuru kibahanze kuko nta burenganzira na bumwe basa n’uko bafise. Ivyo batunze vyose bavyandika ku bo bubakanye b’abanye Kenya, ntibavuzwa, ntibashobora kudandaza, kwiga n’ikibazo mbere rimwe na rimwe baribwa ivyabo harimwo n’uruvyaro.

Haraheze imyaka indwi bashikirije ico kibazo prezida wa Kenya Uhuru Kenyata, mu rugendo bagize bari kumwe n’abamakonde bamuka mu gihugu ca Mozambike, bobo bakaba bamaze kuronka ubwenegihugu, bava Kwale gushika ku kirimba ciwe i Nairobi, mu 2015. Kuva ico gihe bari mu muhango. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu muri Kenya, Haki Center, riri mu yafashije kugira ikibazo c’abo barundi kije ahabona, rivuga ko ikibazo cabo kizwi kuva hasi gushika hejuru mu butegetsi bwa kenya kandi ko ryizeye ko vuba kizotorerwa inyishu.

Muri iki kiganiro rero mugiye kuba hamwe na Cyriaque Muhawenayo