Ukraine - Africa: BAD irarondera umuriyaridi w'amadorari mu guhangana n'igabanuka ry'ibifungurwa

Sudani ni kimwe mu bihugu vya Afrika ikura ingano nka zose ikeneye mu Burusiya no muri Ukraine

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Sudani ni kimwe mu bihugu vya Afrika bigurira ingano nka zose bikenera mu Burusiya no muri Ukraine
Yatangajwe

Ibanki nyafrika ijejwe iterambere (BAD/AfDB) yiteguriye kwegeranya umuriyaridi w'amadorari mu kiringo c'indwi imwe yo gushigikira igisata c'uburimyi muri Afrika no gukingira uwo mugabane igabanuka ry'ibifungurwa rivuye ku ntambara Uburusiya bwateye muri Ukraine.

Ibihugu vya Somalia, Benin, Misri na Sudani ni vyo bihugu biza kw'isonga bihanze amaso cane Uburusiya na Ukriane, ku bice birenga 70 kw'ijana vy'ingano ziva muri ivyo bihugu bibiri.

Umukuru wa BAD Akinwumi Adesina agira ati: "BAD irabona iduga ry'ibiciro vy'ingano, ibigori n'isoya rishobora gutuma haduka ikibazo c'ibifungurwa n'igabanuka ry'ubutunzi."

Iyo banki itanga amadeni ivuga ko igiye kugirisha inama abashikiranganji bajejwe uburimyi n'ubutunzi muri Afrika kugira bigire hamwe uwo mugambi.

Biciye kuri ico kigega, BAD ifise intumbero yo kwongereza umwimbu w'ingano, umuceri n'isoya hakoreshejwe ubuhinga burinda ihindagurika ry'ibihe, harimwo kurima imbuto zirinda ubushuhe n'izuba. Imbuto y'ingano irinda uruzuba iza iriko irageragezwa muri Sudani na Ethiopia.

Ufatiye ku bivugwa n'ikigo ca UNCTAD (United Nations on Trade and Development), n'imiburiburi ibihugu 25 vya Afrika bikura hanze ica gatatu c'ingano mu Burusiya na Ukraine.

Mbere ibihugu 15 muri ivyo bivana ibirenga ica abiri c'ingano bikenera muri ivyo bihugu vya Ukraine n'Uburusiya.