Ukraine: Russia yatanze agahengwe mu bisagara bibiri kugira abahunga bahunge ariko ntikubahirijwe

Yatangajwe

Ingabo z'Uburusiya zabandanije zicucagira ibibombe mu gisagara ca Mariupol kuri uno wa gatandatu, mu gihe bwari bwemeye gutanga agahengwe mu masaha yo mu gitondo - ibi bikaba vyatumye ibikorwa vyo guhungisha abantu bihagarara.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bwari bwatangaje ko butanze agahengwe kuva isaha zine mu masaha ya Moscou mu bisagara bibiri vya Mariupol na Volnovakha kugira ngo abasivire bashobore kuva muri ibi bisagara.

Ni nyuma y'uko umukuru w'igisagara ca Mariupol asabiye ko botanga agahengwe ku banyagihugu mu gihe kibandanya kizingurijwe, hamwe n'ico yita ibitero vy'ubugome vy'ingabo z'Uburusiya.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya buvuga ko iyi yari ingingo yumvikanyweko n'abategetsi ba Ukraine.

Umwe mu baba muri iki gisagara ati: "Ubu ndi muri Mariupol, ndi kw'ibarabara, uko iminota itatu canke itanu iheze numva ibibombe".

"Agahengwe katanzwe kugira ngo abantu bashobore gukura meza ntikubahirijwe. Mbona n'amamodoka y'abantu bari bagerageje guhunga ariko aragaruka. Ni akajagari gusa".

Kari agahenwe katanzwe inyuma y'aho Vadym Boichenko umukuru w'igisagara ca Mariupol asohoreye itangazo n'umubabaro mwinshi asaba ko amayira y'iki gisagara yokwugururwa kugira abahunga bahunge kuko ata kundi bari bugire.

Ati: "Mariupol si amabarabara n'amazu, ni abanyagihugu bayo".

Niko gahengwe ka mbere nk'aka kari gatanzwe kuva Uburusiya butanguye igitero ku gihugu ca Ukraine haraciye imisi cumi. Uburusiya buvuga ko bwumvikanye kwugurura amayira hanze y'ibi bisagara.

Boichenko ati: "Bivanye n'uko abaduteye babandanya baducucagira amabombe ata kigongwe, nta kundi turi bugire atari uko twoha abahaba … akaryo ko kuva muri Mariupol mu mahoro".

Haciye amasaha atatu aka gahengwe kategerezwa gutangura isaha zine mu masaha ya Moscou gatangajwe, abategetsi ba Mariupol bahavuye batangaza ko igikorwa cari gitegekanijwe co guhungisha abantu cahagaze kubera ibibombe vyabandanije vyisukira.

Itangazo basohoye rivuga riti: "Dusavye abantu i Mariupol gusubira mu mazu yabo, turabamenyesha ibijanye no kubahungisha ni vyakunda".

"Kubera Uburusiya butariko burubahiriza agahengwe bukabandanya butera Mariupol no mu micungararo yayo, ivyo guhungisha abantu bibaye birabangira".

Uburusiya ntaco buratangaza kuri ibi bivugwa, ariko umushikiranganji bwo kwivuna abansi butangaza ko abasivire batakoresheje amayira yari yuguruye kuva i Mariupol na Volnovakha bwongera bwagiriza abategetsi ba Ukraine ko ari bo babujije abantu guhunga, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vy'Uburusiya.

Mariupol ni igisagara kiri ku nkengera y'inyanja mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine gituwemwo n'abantu 450.000, kikaba kigoswe n'ingabo z'Uburusiya kakdn ikbandanya giterwa amabombe.

Mu gihe coramuka gifashwe, koba ari akaryo Uburusiya buronse bwo kugenzura kimwe mu bivuko bikomeye vy'igihugu ca Ukraine kandi bugaca buronka umuhora ufatanya ya ntara ya Crimée/Crimea bwigarurira mu 2014 hamwe na twa turere twiganziwe n'inyeshamba zishigikiwe n'Uburusiya mu ntara za Luhansk na Donetsk,

Volnovakha yoyo ni agasagara gato kari mu buraruko bwa Mariupol kakaba karangwamwo intambara zikomeye kuva iki gitero gitangura.