Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda-Covid: reta yatezuye ingingo ariko uticandagishije ntugiye kworoherwa
Reta y'Urwanda yafashe ingingo zo gutezura amabwirizwa yo gukumira ikiza ca Covid-19, ariko igategeka ko Abanyarwanda n'abandi bose basanzwe baba muri iki gihugu bategerezwa kwicandagisha vyuzuye kugira bemererwe kuja ahahurira abantu benshi.
Nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe inyuma y'inama nshikirangaji yakoranye ejo ku wa gatanu, ingingo zaraye zifashwe zitangura gukurikizwa kuva kuri uyu wa 05 Ntwarante (Werurwe mu Kinyarwanda), zikazosubirwamwo inyuma y'ukwezi kumwe "hashingiwe kw'isesengura ry'inzego z'Ubuzima".
Amakoraniro rusangi kandi aruguruwe guhera ku wa mbere igenekerezo rya 07 z'uku ariko bikaba ngombwa kwerekana ko bipimishije Covid-19 mu gihe c'amasaha 48 (ni ukuvuga imisi ibiri) imbere yob kuyitabira.
Zimwe mu zindi ngingo zafashwe ni uko kuva ku musi wa mbere igenekerezo rya 07 uku kwezi imbibe zo ku butaka zizoba zuguye, ariko bibaye ngombwa ingenzi zibanze gusuzumwa Covid-19 imbere yo kwinjira.
Ingendo n'ibikorwa vyose biremerewe kubandanya amasaha 24/24, havuyemwo ibiteramo vy'umuziki, amazu y'ubutambiro, ububare, ibirori vyo kwiyakira (receptions) hamwe n'ibikino vy'akamari (betting) bidategerezwa kurenza isaha umunani z'ijoro.
Kwunguruza abantu ku mamodoka rusangi, ku mapikipiki no kumakinga birarekuwe ariko bigasaba ko bene kuvyurira no kubikoresha babanza kwerekana ko bicandagishije.
Amanama n'amakoraniro rusangi, amasengero, amazu y'uburiro, nay'ubunywero, ibibanza vy'inkino n'ibigo vy'imyimenyerezo ngororamubiri biremewe, ariko ibi vyose ni ngombwa ko ababijamwo bategerezwa kuba "barikingije Covid-19 mu buryo bwuzuye".
Ibigo vy'inzego za reta n'ivy'abikorera utwabo navyo nene biremerewe gukoresha abakozi bavyo bose, ariko ni ngombwa ko abakozi bose bo mu gisata c'abikorera utwabo "baba barikingije Covid-19 mu buryo bwuzuye. Ubushikiranganji bw'ubuzima bushobora kwugara vy'agateganyo inyubakwa zaba iza reta canke iz'abikorera utwabo mu gihe bibonetse ibitigiri binini vy'abanduye Covid-19 , nk'uko iri tangazo rya reta ribivuga.
Eka n'bikorwa vyo mu gisata c'ingenzi birabandanya ukuri kwamye ariko reta igasaba ko amabwirizwa yo kwirinda Covid-19 yubahirizwa.
Urwanda ni kimwe mu bihugu biri imbere mu gukingira abanyagihugu bavyo muri Africa, kikaba ica mbere mu karere k'ibiyaga binini.
Abantu benshi mu Rwanda barikingije ku gushaka kwabo mbere n'abajejwe amagara y'abantu bavuga kwikingiza bikorwa ku gushaka, ariko hari abanyagihugu bamwe mu ntara za ruguru bavuga ko abatabishaka bacandagwa ku ngufu.