Canada: Trudeau yiyemeje kwugara konte za banki y'abariko biyamiriza amabwirizwa ya Covid

Uyu yari mu myiyerekan oyo kwiyamiriza amabwirizwa yo kurwanya Covid

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau yafashe ingingo itari bwigere ibaho ishingiye ku mategeko yo mu bihe bidasanzwe (Emergencies Act) kugira ngo ahagarike imyiyerekano y'abiyamiriza incanco za Covid.

Trudeau avuga ko izi ngingo zizokurikizwa mu kiringo kanaka, kandi ko ata ngabo zizorungikwa guhagarikira ishirwa mu ngiro ryazo.

Mu gihe bitazoba bikenewe ko sentare ifata ingingo, amabanki azoba afise uburenganzira bwo kwugara abakonte y'abantu abo ari bo bose bazoba bafise uruhara muri iyi myiyerekano.

Amajana n'amajana y'abari mu myiyerekano baracari ku mugwa mukuru wa Canada.

Ku wa Mungu, abajejwe umutekano bakuyeho ivyo abari mu myiyerekano bari bazibije amabarabara mu kibanza citwa Ambassador Bridge i Windsor - umuhora ukomeye cane mu rudandaza hagati ya Canada na Amerika - inyuma y'indwi yose y'uruhagarara.

Icatanguye ari nk'imyiyerekano yo kurwanya ibwirizwa ritegeka abadereva bose b'amakamyo kubanza kwicandagisha kugira bashobore kujabuka urubibe rwa Canada na Amerika, canke kubanza kwitaramura mu gihe batashe, cayuyemwo imyiyerekano ikomeye yo kurwanya amabwirizwa yose yo kuzibira Covid.

Ejo ku wa mbere, Trudeau yabwiye abanyamakuru ati: "Ikiriho ni ugukingira ubuzima bw'abanya-Canada be no kurinda ubuzi bw'abanyagihugu".

Avuga ko igipolisi kizohabwa "uburyo bwinshi" kugira ngo bashobore gupfunga, gutoza ihadabu be no gukingira ibibanza bikuru bikuru.

Trudeau yabwiye abanyamakuru ko iri tegeko rizokora mu gihe gito, kandi mu buryo budasanzwe.

Abamunegura bavuga ko umushikiranganji wa mbere yashigikiye abarimyi mu Buhindi bari bazibiye amabarabara makuru makuru ashikana i New Delhi mu 2021, avuga ico gihe ko "Canada izokwama irwanira abagira imyiyerekano mu mahoro".

Iyi ngingo ya Trudeau yo kwisunga Itegeko ryo mu bihe bidasanzwe ije mu gihe imyiyerekano muri Canada yose yinjiye mu ndwi igira gatatu.

Mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa mbere, icegera c'umushikiranganji wa mbere Chrystia Freeland yavuze ko amabanki azoba afise uburenganzira bwo kwugara amakonte y'abo bose bafise uruhara muri iyo myiyerekano bitarinze guca muri sentare.

Yongerako kandi y'uko ubwinshingizi bw'imodoka z'abo bose bafise uruhara muri iyi myiyerekano bushobora guhagarikwa.

Umupfasoni Freeland avuga ko bariko barakomeza amategeko yo "kurwanya amafaranga ajanwa mw'iterabwoba", biciye ku mbuga ngurukanabumenyi, nka kimwe mu bizokorwa.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza incanco yinjiye mu ndwi igira gatatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano yo kwiyamiriza incanco yinjiye mu ndwi igira gatatu

Ati: "Vyose bica mu kugenzura amahera".

Ibi abivuze inyuma y'aho abasuma bo mbuga ngurukanabumenyi (hackers) basohoreye ivyo bavuga ko ari imfashanyo z'abantu 93.000 zahawe abo bashoferi b'amakamyo zishika imiriyoni 8.4 z'amadorari y'abanyamerika babicishije mw'isekeza ryo ku rubuga ngurukanabumenyi ryiswe GiveSendGo.

Iri tegeko ryo mu bihe bidasanzwe ryemejwe mu 1988, risaba ko abajejwe inzego z'amategeko batanga uruhusha kugira rishirwe mu ngiro. Rishobora gukoreshwa gusa "mu gihe kidasanzwe kandi gikomeye" gishobora "kubangamira cane ubuzima canke umutekano w'abanya Canada". Imyiyerekano yemewe n'amategeko ntirabwa n'iri tegeko.

Mw'ijambo yashikirije ejo ku wa mbere, umushikiranganji wa Canada ajejwe ubutungane David Lametti yavuze ko ibikenewe kugira ngo rikurikizwe bikwiye.

Ariko ishirahamwe riharanira uburenganzira, Canadian Civil Liberties Association, ntirivyemera, rikagabisha ko iyi ngingo "ibangamira demokarasi yacu n'uburengzira bw'abanyagihugu".

Uwurongoye abari mu myiyerekano muri Ottawa, Tamara Lich, ariyamiriza ingingo ya Trudeau, akaba yabwiye ikinyamakuru AP News ati: "Nta terabwoba rizigera riduhungabanya. Tuzobandanya urugamba".

Umukuru wa reta ya Ontario Doug Ford, umunyaporitike agendera ku vyiyumviro vya kera, avuga ko ashigikiye reta y'igihugu.

Ariko abarongoye reta za Quebec, Manitoba, Alberta na Saskatchewan bavuga ko aya mategeko adasanzwe atari akenewe mu ntara zabo.

Imbere y'uko Trudeau atangaza iyi ngingo, uwurongoye reta ya Quebec Francois Legault yavuze ko kuzana amategeko adasanzwe "bizokwunyura ibintu".

Imyiyerekano irabandanya mu bice bitandukanye vy'igihugu.

I Ottawa, umugwa mukuru w'igihugu, amakamyo ari hagati ya 400 na 500 amaze imisi 18 abitswe hagati mu gisagara.

Abari mu myiyerekano kandi barahagaritse uruja n'uruza ku rubibe mu turere twa Coutts, Alberta, na Emerson, Manitoba. 

Ejo ku wa mbere, igipolisi ca Alberta cahagaritse abantu 11 congera gifata n'inkoho hamwe n'ibindi birwanisho vyari binyegeje ahantu.

Mu mpera z'indwi iheze, imyiyerekano yarabaye no mu bindi bisagara harimwo Toronto na Winnipeg.