Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: Ibihumbi vy'abasirikare bacungera inzego bagize urugendo rwo gushigikira Tshisekedi
Abasirikare ibihumbi n'ibihumbi ba Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo bihaye amabarabara ku mugwa mukuru Kinshasa mu rugendo rwo gushigikira umukuru w'ico gihugu Félix Tshisekedi inyuma y'imisi mike havuzwe ivyo gusenyura ubutegetsi.
Bambaye inkofero zitukura kandi bafise inkoho, imirongo miremire y'abasirikare bo mu gisata kijejwe gucungera umutekano w'umukuru w'igihugu n'izindi nzego z'igihugu (Garde Républicaine/Republican Guard) bazungurutse mu mabarabara y'i Kinshasa.
Ni urugendo ruteguwe inyuma y'indwi umuhanuzi mukuru wa Perezida Tshisekedi afashwe agapfungwa n'igendereza rya gisirikare, mu vyo reta ya Kinshasa yatangaje ko yari mu migambi yo guhungabanya umutekano w'igihugu.
Amakuru yacanacanako i Kinshasa yavugaga ko ku wa gatandatu w'indwi iheze, François Beya ari kumwe n'abandi basirikare, bashatse guhirika ubutegetsi mu gihe Perezida Tshisekedi yari i Addis Ababa mu nama y'ubumwe bwa Africa (AU).
Intumbero y'uru rugendo itangazwa n'ubutegetsi ni uko abo basirikare bari mu myimenyerezo yo kugorora umubiri. Ariko ni urugendo ubaye inyuma y'indwi habaye ibikorwa vyo gushaka guhungabanya umutekano w'igihugu.
Igihe Perezida Félix Tshisekedi yari mu nama y'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika i Addis-Abeba yari yerekeye kwiga ikibazo c'itembagazwa ry'ubutegetsi rikorwa n'inzego za gisirikare mu bihugu vya Afrika, uyu muhanuzi wiwe mu vyo umutekano nawe niho yahagarikwa.
Reta ivuga ko Francois Beya yariko ategura umugambi wo guhungabanga igihugu - abanyagihugu batari bake ba Congo bakavuga ko yariko ategura gusenyura ubutegetsi bwa Tshisekedi.
Urugendo nk'uru, ibidahuse kuboneka mu gihugu aho ibihumbi vy'abasirikare biha amabarabara, ni uburyo bwo kwerekana ko bari maso kandi ko ata muntu n'umwe yorota agerageza gutegura umugambi mubi.