Ibrahim Boubacar Keïta yahoze arongoye Mali akabogozwa yasandavye ku myaka 76

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuryango n'abahoze ari incuti z'uwahoze arongoye Mali Ibrahim Boubacar Keïta (ibk) batangaza ko yashengeye afise imyaka 76.
Mu mwaka uheze, yarafashwe n'indwara y'umutima ifatira mu bwonko (AVC/stroke) ariko ikimuhitanye ntikiramenyekana neza.
Yapfuye kuri uno wa Mungu, isaha zitanu mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, i muhira iwe ku mugwa mukuru Bamako, nk'uko umwe mu muryango wiwe yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru, AFP.
Perezida Keïta yarongoye Mali mu kiringo c'imyaka indwi gushika mu 2020, igihe akuriwe ku butegetsi n'igisirikare inyuma y'imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe ku kungene bwafata ikibazo c'inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.
Ibibazo vy'ubutunzi hamwe n'amatora yabayemwo induru, navyo biri mu vyatumye haduka iyi myiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe.
Haciye indwi nkeya akuwe ku butegetsi, yarafashwe na AVC aca asimbanwa muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu kuvurirwayo.
Mu kwa gatanu kw'umwaka uheze, abategetsi ba gisirikare basubiye gutembagaza ubutegetsi, baca batangaza ko amatora azoba inyuma y'imyaka itatu mu gihe yari ategekanijwe mu kwa kabiri kuza.
Ibi vyatumye ishirahamwe rya Bulaya hamwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Uburengero, CEDEAO/ECOWAS, bafatira ibihano iki gihugu muri ino ndwi.










