Boris Johnson ahanzwe no gusabwa gutanga imihoho inyuma y'imbabazi ku giteramo

Ahavuye isanamu, House of Commons
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yasavye imbabazi kuba yaritavye igiteramo co "kwizanira ico unywa" mu gihe ca mbere co kutava mu nzu kubera Covid.
Yabwiye abashingamateka ko ico giteramo cabereye mu kigo ca Downing Street (Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere mu Bwongereza) mu "buhinga" cari "mu mategeko" ariko ko yari kuba yibajije ingene cari kuboneka mu maso y'abanyagihugu.
Indongozi y'aba Labour (umugamwe utavuga rumwe na leta) Sir Keir Starmer yavuze ko umushikiranganji wa mbere ategerezwa gutanga imihoho (kwegura) kubera ico yise ibinyoma no gusaba imbabazi biteye "isoni".
Johnson ariko arotswa igitutu kandi n'abashingamateka bo mu mugambwe wiwe kubera ico giteramo co mu kwezi kwa gatanu mu 2020.
Inyuma y'ibibazo ku mushikiranganji wa mbere, yaciye aja ahasanzwe hahurira abashingamateka, kugira arondere inkigi z'abashingamateka basanzwe bo mu mugambwe wiwe.
Hamwe 54 muri bo borungika amakete mu mugwi uraba ingene hahiganirwa uburungozi mu ba Conservateurs, hoca haba impinduka.
Isoko ryo mu ba Tory (aba Conservateurs) ryavuze ko Boris Johnson yasa n'"uwacitse intege kandi yuzuye ibimaramare" igihe yariko aravugisha abashingamateka, kandi ko yari "yatakaje icari caratumye aja imbere mu mugambwe".
Umushingamateka asanzwe (adafise ikibanza mu butegetsi) Sir Roger Gale - asanzwe azwi mu kunegura Johnson kenshi - yavuze ko umushikiranganji wa mbere ubu muri poritike ari "umupfu agendagenda".
Umushikiranganji Rachel Maclean yavuze ko hazoba ingaruka ku bantu barenga ku mategeko yerekeye ingingo zo kwirinda coronavirus.
Mu kiganiro na BBC Two citwa Politics Live yavuze ati: "Amategeko y'igihugu akora ku bantu bose… harimwo n'umushikiranganji wa mbere. Abantu bashinga amategeko nabo nyene bari mu barabwa n'ayo mategeko nico gituma ayo matohoza ariko ararondera kumenya neza na neza ivyabaye, kandi niba hari amategeko yarenzwe, hazoba ingaruka."

Ahavuye isanamu, UK Parliament/Jessica Taylor
Ariko abandi bashingamateka b'aba Tory bashigikiye umushikiranganji wa mbere, aho Sir Christopher Chope yavuze ati ntiyari "bwigere yumva umuntu asaba imbabazi zibabaje gutyo" mu gihe amaze mu nama nshingamateka, ko yibaza ko "vy'ukuri zavuye ku mutima".
Abashingameteka bagumye mu gacerere mu ntango y'ibibazo ku mushikiranganji wa mbere, ubwo Johnson yemera ko yagiye muri ico giteramo co muri Downing Street ku wa 20 ukwezi kwa gatanu mu 2020 akamahara iminota 20, kugira ashimire "imigwi y'abakozi" ku "kwitanga mu bikorwa".
Yavuze ati: "Nibajije ko ari ikoraniro ry'akazi."
Ariko aca yongerako ati: "Nsubiye kwibaza nari kuba naciye ndabarungika mu biro bose.
"Nari kuba narondeye ubundi buryo bwo kubashimira, kandi nari kuba namenye ko - n'ubwo mu buhinga bishobora kuba vyari bihuye n'inama [zijanye no kwirinda] - hari miriyoni z'abantu batari kubibona gutyo."
Mu nyuma hari umuvugizi wa Downing Street yavuze ko umushikiranganji wa mbere atabonye ubwo butumwa bwo kuri email bwatumirira abantu kuza gusangira icupa ku wa 20 ukwezi kwa gatanu mu 2020.
Johnson yicaye adakoma igihe abashingamateka batavuga rumwe n'umugambwe wiwe bariko baramusaba gutanga imihoho (kwegura) mu kibanza c'umushikiranganji wa mbere canke ko abashingamateka basangiye umugambwe bomuhata kubikora.
Johnson yavuze ko atahura "ishavu" ry'abantu "bahevye vyinshi muri iki gihe c'ikiza" kwumva ko "abantu bo muri Downing Street batariko barubahiriza ingingo".
"Ndicuza kubona ico giteramo nagiyemwo ingene catunganijwe. Ndicuza cane. Ese iyo ibintu biba vyakozwe ukundi."










