China: Abanyagihugu ba Xi'an basanzwe bugaranywe bakaba imfungurwa kugira babeho

Ahavuye isanamu, Weibo
Abanyagihugu bamwe basanzwe bugaranywe kubera Covid mu gisagara ca Xi'an mu Bushinwa basigaye bakaba (bahinduranya/bahanahana) imfungurwa kuva mu misi iheze, mu gihe hari ubwoba ko ubukene bw'indya bubandanya.
Amakuru acishwa ku mbuga hwaniro yerekana abanyagihugu bo muri ico gisagara baguza imfungurwa bamwe bakazikabisha n'amaterefone.
Kuva ku wa 23 z'ukwa cumi na kabiri guheze, abanyagihugu hafi imiriyoni 13 barugaranywe mu mazu yabo, ubu bakaba badashobora gusohoka ngo baje kugura imfungurwa.
Muri iyi misi iheze hari benshi baciye ku mbuga hwaniro bashikiriza imyidogo myinshi.
Abategetsi baratanga imfungurwa mu mihana ku buntu, ariko bamwe bavuga ko izo basanzwe bafise ziriko zirahera, canke ko batarigera baronswa imfashanyo.
Amareresi n'amasanamu ku rubuga hwaniro rwa Weibo yerekana abantu bakaba itabi n'amashu, isabuni y'amazi bayiguza ivyamwa vya pommes/apples, abandi baguza udutambara two gukoresha mu butinyanka n'imboga.
Ireresi imwe yerekana umunyagihugu aguza igikoresho bakinisha video ca Nintendo Switch n'agapaki ka supageti hamwe n'udukate tubiri.
Umunyagihugu yiyita Wang yabwiye Radio Free Asia ati: "Abanyagihugu bakaba ibintu n'abandi mu nyubakwa imwe kubera ata mfungurwa zikwiye ziriho". Iyi radio ivuga kandi ko uwundi mugabo yariko ashaka kuguza terefone ngendanwa ziwe zibiri n'umuceri.
Umwe mu bakoresha urubuga rwa Weibo yanditse ati: "Abanyagihugu babuze ayo bacira n'ayo bamira ku buryo bageze mu gihe co gukaba imfungurwa - ibiraya bigakabwa agapaki k'uduti tw'ipampa two kwigurugutura amatwi (tige-coton/cotton swab)". Uwundi nawe akavuga ko bisa n'uko "basubiye muri vya bihe vya kera".
Hagati aho, hari abafise ivyizigiro, bakavuga ko batangazwa n'umutima mwiza w'ababanyi babafashishije ivya nkenerwa vyabo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Xi'an ni ikiririmbiro ry'ikiza ca Covid muri kino gihe mu Bushinwa, abategetsi b'akarere bakaba bashizeho amategeko ruhasha anegurwa cane ku mbuga hwaniro.
Iki kiza muri kino gisagara nico ca mbere gikomeye mu Bushinwa cadutse inyuma y'amezi atari make.
Reta yizeye ko izoba yatutije iki kiza imbere y'umusi mukuru w'umwaka mushasha mu kirangamisi c'Ubushinwa (uzoba ku wa 01 z'ukwa kabiri) hamwe n'inkino za Olempike zo mu gihe c'ubukonje (Winter Olympics) i Pekin/Beijing mu kwezi kuza.










