Burundi: Imvo n'imvano ku inama rukokoma ku iterambere ry'igihugu iheruka kubera i Bujumbura
Yatangajwe
Imvo n'imvano y'uyu munsi yibanze ku inama Gahuzamiryango igereranya n'inama rukokoma ku itera mbere ry'uburundi. Turavuga inama yahuje incabwenge z'Uburundi ziba hiya no no hino ku isi, abagize leta y'u Burundi, abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka z'u Burundi n'abandi bayobozi bakuru b'igihugu. Insanganyamatsiko y'iyo nama y'iminsi 2 yabaye ku itariki ya 18 na 19 z'ukwezi gushize yari: Kuba u Burundi bwahindutse igihugu kiri kuzamuka mu majyambere mu mwaka wa 2040.
