Umutalitano yakoresheje ukuboko kw'ugukorano mu kurondera gukwepa urucanco rwa Covid

Yatangajwe

Umugabo w'Umutaliyano yariko arondera urupapuro rwemeza ko yicandagishije atarinze kwiteza urwo rushinge yitabiriye urucanco akoresheje ukuboko kw'ugukorano, nk'uko abategetsi babivuga.

Uyu mugabo ari mu myaka ya 50 yashitse ku kigo c'icandagiro yiyambitse igipirapira ku kuboko kwiwe, yibaza ko badashobora kubibona.

Ariko umuforoma ntiyemeye ko amuca mu ryahumye, uyu mugabo akaba yaciye ashikirizwa igipolisi.

Uyu muforoma yabwiye ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko amaze kuduza ukuboko kw'ishati y'uwo mugabo yagize amakenga amaze kubona uruhu "ari igipirapira kandi rukanye/rukonje ukuntu", mbere n'ikibiribiri yumva umengo "coroshe cane".

Uyo mugabo abonye ko yahinyutse, yagerageje guhendahenda uyu muforomakazi amusaba kwigira uw'ejo, nk'uko ikinyamakuru la Repubblica. Ariko uyu muforomakazi yaciye amurega ku gipolisi amwagiriza magendo.

Igipolisi c;akarere kiri mu matohoza y'ibi bintu vyabereye mu karere ka Biella, mu buraruko bushira uburengero bw'Ubutaliyano, abategetsi b'ako karere kababa banegura cane ingendo y'uwu mugabo.

Umuyobozi w'akarere ka Piedmont, Albert Cirio yacishije ubutumwa bwiwe ku rubuga rwa Facebook avuga ati: "Ibi bintu twovuga ko ari akamaramaza".

Avuga ko aya ari amanyanga "adashobora kwihanganirwa, aje gutesha agaciro utwigoro tw'abanyagihugu uravye ingene bitanze mu kubaho kwabo mu guhangana n'iki kiza".

Uyu mugabo avugwa ko yakora mu gisata c'ubuvuzi ariko akaba yari yarahagaritswe mu kazi kubera atari bwacandagwe. Urucanco rwa Covid ni itegeko ku bakozi bose bo mu gisata c'ubuvuzi mu Butaliyano.

La Repubblica ivuga ko ibi atari ibintu bishitse giturumbuka ifatiye ku butumwa uyu mugabo yikekwa ko ari we yoba yari yacishije ku mbuga hwaniro.

Ubu butumwa bwacishijwe n'umwe kuri Twitter bugasubirwamwo n'iki kinyamakuru bwerekana igikiriza c'umugabo gikozwe muri plastiki, kikaba cari gifise amaboko n'igikanu vy'ibikorano, ibi bikaba vyariko bigurishwa muri Amazon ku ma euro 488.

Kuri Twitter hari handitse ngo:"Ngiye nambaye iki kintu, ubwo boshobora kumpinyura? Kumbure musi y'iki gipirapira ndashobora no kwambarirako izindi mpuzu kugira ngo urushinge ntirushikire ukuboko kwanje".

Ibi bibaye mu gihe Ubutaliyano bwiteze gufata ingingo ruhasha ku bantu bose bataricandagisha.

Kuva muri myandagaro (ukwezi kw'umunani), Abataliyano bategerezwa kwerekana icemeza ko bacandazwe, ibipimo vyerekana ko batanduye, canke icemeza ko baherutse gukira uwu mugera , kugira ngo binjire mu bituro vya gari ya moshi, mu mazu y'uburiro, mu ma sinema, mu mazu y'ikarashishi (gyms) no mu bibanza vyo kwogeramwo (piscines/swimming pools).

Ariko kuva ku wa mbere, bitegekanywa ko abazoba bafise uburenganzira bwo kwinjira muri ibi bibanza ari abafise icitwa "super green pass", gihabwa abacandazwe n'abaherutse gukira Covid bonyene.

Ingingo zitegeka abanyagihugu kwicandagisha zatumye haduka imyiyerekano mu bisagara bitari bike vyo mu Butaliyano kuva mu ndwi nkeya ziheze.

Ibice birenga gato 73% vy'Abataliyano baramaze kwicandagisha Covid - igitigiri kiri hejuru ugereranije no mu Bufaransa canke mu Bwongereza, ariko kikaba kiri hasi ugereranije no muri Espagne na Portugal.