Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Brazil – Covid: Abakenguzamateka bashigikiye ko prezida Bolsonaro aregwa ivyaha
Umugwi w'inamana nkenguzamateka (sena) muri Brésil wotoye ko hasabwa ko Prezida Jair Bolsonaro akurikiranwa ku vyaha bijanye n'ingene yitwaye ku kibazo c'ikiza ca Covid mu gihugu.
Indwi ku bantu 11 bagize uwo mugwi bashigikiye icegeranyo gisaba ko Bolsonaro yokurikiranwa ku vyaha icenda harimwo ibikorewe zina muntu.
Umukuru w'uwo mugwi, umukenguzamateka Omar Aziz, kuri uyu wa gatatu ararungikira ico cegeranyo umushikirizamanza mukuru.
Bolsonaro aguma asubiramwo ko ata "caha na kimwe yakoze, habe namba".
Muri Brésil, abantu barenga 600.000 nibo bamaze kwemezwa ko bishwe na Covid, ico gihugu kikaba kiza ubugira kabari havuye Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Nta cemeza ko ivyo abo bakenguzamateka bemeje bizotuma amaherezo Bolsonaro akurikiranwa kuri ivyo vyaha, kuko ibiri mu cegeranyo ubu bitegerezwa kwihwezwa n'umushikirizamanza mukuru wa Brésil, uwo washizweho na Bolsonaro akaba yitezwe gukingira umukuru w'igihugu.
Ivyaha icegeranyo kivuvga ni ibihe?
Ico cegeranyo kivuga ko reta ya Bolsonaro yafashe poritike yo kureka ngo coronavirus ikwire mu gihugu yizeye ko hazoca haba ubudahangarwa kuri benshi.
Uretse ivyaha bikorewe zina muntu, uwo mugwi wo mu nama nkenguzamateka wasavye kandi ko yokurikiranwa ku bindi vyaha umunani, harimwo gukokeza ubukozi bw'ikibi, gusibanganya inyandiko no guhonyanga uburenganzira bw'imibereho.
Bolsonaro yagirizwa gukoresha nabi uburyo bw'igihugu no gukwiragiza amakuru y'ibinyoma ku kiza ca Covid.
Ico cegeranyo c'impapuro 1.300 gisaba kandi ko haregwa ivyaha ibigo bibiri n'abandi bantu 77 barimwo abahungu batatu bakuze b'umukuru w'igihugu.
Ingingo y'abo bakenguzamateka imaze gutangazwa, umukenguzamateka Renan Calheiros, ari nawe yari arongoye abanditse ico cegeranyo, yavuze ati: "Akajagari ka reta ya Bolsonaro kazokwandikwa muri kahise nk'urugero rwa mbere rwo hasi rwo kutagira ubuntu."
Iyo ngingo yemejwe n'abo bakenguzamateka irangije amatohoza yari amaze amezi atandatu akorwa, yerekanye agahomeramunwa n'ibiturire muri reta ya Brésil.
Ico gihe cose, Bolsonaro yagumye avuga ko reta yiwe yakoze ivyari bibereye gukorwa, kuva mu ntango, z'ikiza, gutyo abamushigikiye bakaba batatevye kwiyamiriza ico cegeranyo co ku wa kabiri n'ivyo gisaba bavuga ko ata zindi mvo gifise atari iza "poritike n'amatora".
Akurikiranwa n'ivyaha canke areka, nta nkeka ko isura ya Bolsonaro mu gihugu yacafujwe n'ingene yitwaye ku kibazo ca Covid.
Mu kwezi kwa gatatu, yarashegeshe abantu igihe yabwira abanya-Brésil ngo "reka kuniha" kubera Covid, umunsi igihugu cagira urugero rwa mbere ruri hejuru rw'abishwe n'iyo ndwara mu kiringo c'amasaha 24.
Yakomeje gukwiragiza amakuru y'ibinyoma ku mbuga hwaniro. Ku wa mbere, Facebook ikaba yavanyeko video aho uwo mukuru w'igihugu yavuga ububeshi ko incanco za Covid-19 zifitaniye isano no kurwara indwara ya Sida.
Na YouTube nayo yavanyeko iyo video inahagarika urubuga rwa Bolsonaro ikiringo c'indwi yose.