Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Abantu batanu harimwo n'abapolisi batatu bapfiriye mu kurasana i Dar es Salaam
Umuntu umwe yitwaje inkoho yishwe inyuma yo kwica abapolisi batatu n'umuzamu umwe igihe bariko bararasana mu gisagara ca Dar es Salaam, imbere y'ubuserukizi bw'Ubufaransa.
Icatumye haba ico gitero ntikiramenyekana ariko igipolisi co muri ico gihugu kiremeza iyo nkuru.
Mw'itangazo rigufi ry'umugenduzi mukuru w'igipolisi muri Tanzania, Simon Sirro yemeje ko igipolisi cabuze abapolisi kandi ko n'uwabarashe yishwe.
Yongeyeko ko ubu bariko bararondera umwirondoro wiwe imbere y'uko batanga inkuru ku bamenyeshamakuru.
Ico gitero cabereye kw'ibarabara ryitiriwe Ali Hassan Mwinyi.
Imbere y'aho, ubuserukizi bwa Amerika bwari bwatanze ubutumwa bugabisha kubera inkuru zerekeye uwo muntu yari yazungurutswe n'abajejwe umutekano ku kiraro ca Salenda imbere y'ubuserukizi bw'Ubufaransa mu gihugu ca Tanzania.
Uwo muntu yari afise inkoho yo mu bwoko bwa AK 47 (Kalashnikov ), yari ahagaze hanze y'ubwo buserukizi aho yagaragaye ariko arafasha imodoka yariko iraca mw'ibarabara kurengana.
Ubuserukizi bw'Ubufaransa bwateye akamo abanyagihugu babo baba muri ico gihugu kwiyubara no kudaca muri iryo barabara ryabereyeko ubwo bwicanyi.
Amavideo y'ababibonye yashizwe ku mbuga hwaniro yerekana umugabo afise inkoho agwa hasi arashwe ku metero nke uvuye ku muryango w'ubuserukizi bw'Ubufaransa.
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga
Ivyo vyashitse inyuma y'amasaha make prezida w'ico gihugu Samia Suluhu ahejeje kubonana n'abarongoye inzego z'umutekano.
Kuva mu ntango z'ukwezi guheze, hari inkuru zitemejwe ko abagwanyi bitwaza idini rya Islam bahunze intambara yo muri Mozambique binjira rwihishwa muri Tanzania, hakaba hari ibikorwa vyo kubarondera. Nta mugwi n'umwe uriyitirira ico gitero.