Imvo n'imvano ku baririmvyi b'Abarundi baba mw'ikambi y'impunzi ya Kakuma muri Kenya

Insiguro y'amajwi, Imvo n'imvano ku baririmvyi b'Abarundi baba mw'ikambi y'impunzi ya Kakuma muri Kenya
Yatangajwe

Mu kiganiro c’imvo n’imvano co kuri uyu wa 07 ukwezi kw’umunani 2021, Cyriaque Muhawenayo asubira mw’ikambi ya Kakuma ihaye indaro impunzi ziva mu bihugu cumi na bibiri, muri zo hakaba harimwo abarundi n’abanyarwanda. Iyo kambi iri mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya, mu karere ka Turkana ihaye indaro imunuzi zirenga ibihumbi ijana, abarundi bakaba barenga ibihumbi cumi na bibiri.

Baroreraho Radjabu

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Baroreraho Radjabu

Yagiyeyo afise icipfuzo co kuyaga n’impunzi z’abarundi n’abanyarwanda ariko abanyarwanda ntiyashobora ku baronka ku mpamvu zitamuvuyeko. Yayaze ni abaririmvyi mu rwaruka rw’Uburundi bipfuza ko muri kazoza bobigira umwuga. Bamwe baramaze kuronka n’udushimwe ku ndirimbo zitandukanye bamaze gusohora.

Mu ndirimbo z’uru rwaruka, uretse izerekeye urukundo, baravuga ku bibazo bitandukanye babona bibahanze hirya no hino kw’isi hamwe n’ubuzima bwo mw’ikambi. N’aho kandi bari mw’ikambi y’impunzi mu buzima bugoye, bafise indoto yo gushika kure mu muziki no gutanga ubutumwa butandukanye babicishije mu ndirimbo.

Muri kino kiganiro abatumire ba Cyriaque Muhawenayo, ni:

-Munezero Liza

-Baroreraho Radjabu

-Aza Nsabimana