US: Ababuriye mu gitero co ku wa 11/09/2001 basaba Biden kutitaba ibirori vyo kwibuba ababo

Yatangajwe

Imiryango y'ababuriye mu gitero co ku wa 11 z'ukw'icenda 2001 muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika basaba Perezida Joe Biden kudahonyoza ikirenge mu birori vyo kwibuka ico gitero kiretse yemeye gushira ahabona amakuru ajanye na co.

Abantu bababa 1800 bateye igikumu kw'ikete rimusaba gusohora inzandiko bemeza ko zerekana uruhara abategetsi ba Arabia Sawudite bagize muri iki gitero.

Bavuga ko mu gihe yokwanka, atokwitaba ivyo birori bitegekanijwe mu kwezi kuza vyo kwibuka imyaka 20 izoba irangiye ico gitero kibaye.

Abantu bababa 3000 baratikiye ku wa 11 z'ukwa cenda 2001.

Ibi bitero vyakozwe n'umuhari w'iterabwoba wa Al Qaeda, nk'uko bivugwa n'abakoze amatohoza, bitatuma Amerika itera Afghanistan. Cumi na batanu muri 19 banyuruje indege zakoreshejwe muri ivyo bitero bari abanya Arabia Sawudite.

Mw'iryo kete ryanditswe n'iyo miryango hamwe n'abacikacumu, bavuga bati: "Ntidushobora kwakira, ata buryarya kandi mu cubahiro cinshi duha ababuze, abarwaye, n'abakomeretse, umukuru w'igihugu muri ibi bibanza vy'icubahiro gushika ashize mu ngiro ivyo yiyemje".

Basaba Perezida Biden kudahonyoza ikirenge mu bibanza bitatu vyabereyemwo ico gitero, ni ukuvuga muri New York, Virginia na Pennsylvania.

Kuva kera, iyi miryango yamye ivuga ko abategetsi ba Arabia Sawudite bari bazi neza iki gitero, ariko ko ataco bakoze ngo bakizibire. Baritwariye reta ya Arabia Sawudite n'aho ibandanya ihakana ko ata ruhara yabigizemwo.

Mu kwezi guheze, abahoze ari abategetsi bakuru ba Arabia Sawudite batari bake barabajijwe babanze kurahira. Ibirego bibandanya kunyegezwa, ibibabaza iyi miryango gusumba.

Iri tangazo ribandanya riti: "Kuva uwu murwi washinzwe ngo utohoze ku vyabaye ku wa 11 z'ukwa cenda urangije ikiringo cawo mu 2004, hari ivyemezo vyinshi vyerekana ko abategetsi ba Arabia Sawudite bafise uruhara muri ibi bitero".

"Biciye mu butegetsi butari buke bwagiye bukurikirana, igisata kijejwe ubutungane hamwe na FBI bagerageje uko bashoboye kwose kunyegeza aya makuru no kubuza abanyamerika kumenya ukuri kwose ku bitero vyo ku wa 11 z'ukwa cenda".

Ubutegetsi bwa George W Bush, Barack Obama na Donald Trump nabwo nyene bwaranse gushira ahabona izi nyandiko, bwitwaje impungenge ku mutekano w'igihugu.

Bandika bati: "Inyuma y'imyaka 20, nta mvo n'imwe - vyaba ibi vyitwazo ku mutekano w'igihugu canke ibindi - yotuma aya makuru anyegezwa".

"Ariko, mu gihe Perezida Biden yokwirengagiza ivyo yiyemeje akishira ku ruhande rwa reta ya Arabia Sawudite, vyoba ngombwa ko twiyamiriza ko ubutegetsi bwiwe bwitaba ibirori na bimwe vyo kwibuka ivyabaye ku wa 11 z'ukwa cenda".