Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania igiye gusubiramwo rya tegeko ryo kurihisha ikori ku materefone
Reta ya Tanzania imenyesha ko igiye gusubira kwihweza ingingo iherutse gufata yo gutoza umusoro ku mafaranga acishwa ku materefone ngendanwa inyuma y'aho abanyagihugu bayiyamirije.
Iri kori - ryatanguye gushirwa mu ngiro ku wa 15 z'uku kw'indwi inyuma y'aho ryemerejwe n'inama nshingamateka y'ico ihugu - rituma igiciro co kurungika canke gutora amafaranga acishijwe kuri terefone kiduga.
Ariko, ejo ku wa mbere, umushikiranganji w'ikigega ca reta Mwigulu Nchemba yamenyesheje ko Perezida Samia Suluhu Hassan yategetse ubu bushikiranganji gusubira kwihweza iyo ngingo.
Ati: "Nsaba Abatanzania gutekana mu gihe reta iriko irihweza iki kibazo…imyidogo yabo yashikiriye umukuru w'igihugu, kandi arajwe ishinga n'amarira y'abanyagihugu".
Aragabisha abantu bamwe bamwe avuga ko "bayovya" abanyagihugu ku bijanye n'iri kori, akavuga ko iki cari "ikibazo kijanye n'amategeko kandi amategeko ategerezwa gukurikizwa".
Amenyesha kandi ko iki ari ikibazo gitegerezwa kubanza gusigurirwa abanyagihugu, aca abasaba ko bokwihangana.
Abatari bake bariyamiriza uwu musoro ariko reta yoyo ikawushigikira, ivuga ko amafaranga azokwegeranywa azokoreshwa mu migambi y'iterambere, nko gutanga amazi ku mashure.