Usain Bolt yavyaye amahasa y'abahungu Thunder na Saint Leo

Ahavuye isanamu, USA BOLT INSTAGRASM
Umwirutsi rurangiranwa mu ntera ngufi Usain Bolt yaronse amahasa (impanga mu kinyarwanda) y'abahungu yise Thunder Bolt hamwe na Saint Leo Bolt.
Bolt w'imyaka 34 yatangaje iyi nkuru aciye ku rubuga rwa Instagram ku musi mpuzamakungu waharize ba Serugo.
Iki gihangange mu mikino ya olempike yashize isanamu yiwe ari kumwe n'umukunzi wiwe Kasi Bennett, bari kumwe n'aya mahasa hamwe n'umukobwa wabo Olympia Lightning afise umwaka umwe.
Ntibavuga neza na neza igihe aya mahasa yavukiye.
Bennett na we yashize isanamu y'utu twana ku rubuga, avuga ko Bolt ari "urutare rwubakiyeko umuryango, akaba na se akomeye cane w'abana babo".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya Instagram ubutumwa

Olympia Lightning yavutse mu kwa gatanu May 2020, izina ryiwe rikaba ryagiye gutangazwa inyuma y'amezi abiri.
Imbere y'uko avuka, Bolt yagumye abwira abakunzi biwe ibijanye n'imbanyi ya Bennett abicishije ku rubuga hwaniro rwiwe. Ariko, yaba we canke Bennett wiwe, nta n'umwe yari yigeze atangaza imbanyi yiwe y'aya mahasa.
Bolt, igihangange c'umunonotsi wo muri Jamaica, yakukurutse mu mahiganwa yo kwinonora imitsi mu 2017 ariko gushika ubu aracafise ikibanza ca mbere kw'isi mu kwiruka imetero 100 na 200, ivyamugize umuntu wa mbere kw'isi yose anyaruka.
Ni nawe wenyene kandi amaze gutsindira ikibanza ca mbere incuro zitatu zose ku metero 100 mu nkino za olempike, anaronka n'imidari y'inzahabu 23 mu kiringo ciwe cose yamaze muri uwu mwuga.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amaze kuva mu vyo kwinonora imitsi, yagerageje kwinjira mu rukino rw'umupira w'amaguru, ariko rero mu 2019 atangaza ko avuye burundu mu bijanye n'inkino.
Bolt si we gihangange ca mbere akinishije amajambo mu kwita abana amazina.
Mu 2013 Kanye West n'umugore wiwe Kim Kardashian West, ariko ubu bakaba barahukanye, baravuzwe cane mu binyamakuru igihe bita umwana wabo North West (mu kirundi twovuga Uburaruko Uburengero).
Umunyamuziki Jermaine Jackson yise umuhungu wiwe ubu afise imyaka 20 Jermajesty.
Nayo umukinyi w'amareresi Rob Morrow wo mu rukurikirane ruzwi nka Northern Exposure rwo mu myaka ya 1990 yise umukobwa wiwe, ubu na we nyene akaba ari umukinyi w'amareresi, Tu Morrow (ufatanije aya mazina yose mu kirundi ukaba womuhamagara ngo "Ejo haza").










