Pornhub: Abagore bitwariye urubuga rwa porno bavuga ko rwakoresheje amashusho yabo batavyumvikanye

Pornhub

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Abagore barenga 30 bitwariye ikompanyi ifise urubuga ngurukanabumenyi Pornhub, icishako amashusho y'ibiterasoni, bayagiriza ko ibarya imitsi mu gukoresha amashusho yabo batavyumvikanyeko.

Aba bagore bavuga ko aya mareresi yashizwe ku rubuga rwa Pornhub batavyumvikanye, kandi ko buguruje urubanza muri California.

Sentare yo muri California yagiriza ikompanyi Mindgeek ko irongoye uruganda "rw'ubukozi bw'ikibi".

Mw'itangazo yasohoye, Pornhub ivuga ko ibi birego "bidasobanutse na gato, bidafise ifatiro kandi ari ibinyoma vyeruye".

Gukoresha Pornhub ni ku buntu ariko abayikoresha bashobora kuriha amafaranga buri kwezi kugira ngo baronswe amashusho meza cane afise akabirya.

Ibiriko nka vyose bishirwako n'abantu bayo kandi umuntu uwo ari we wese ashobora kubiraba ata ngorane. Hagati aho, iyi kompanyi ivuga ko imbere yo gushirako amashusho ayo ari yo yose, hari umurwi ubanza kuyihweza neza.

Pornhub yabwiye BBC iti: "Pornhub ntiyihanganira ibintu bitemewe n'amategeko kandi irakora amahotoza iyo hagize uwidoga canke uwunegura ibiri ku rubuga rwacu".

Ivuga ko ifise "amabwirizwa atomoye neza mu mateka y'imbuga zose zishirwako amakuru n'abaziraba, abuza abantu batizewe gushirako amakuru".

Ariko, ikimenyeshamakuru CBS co muri Amerika gikorana na BBC kivuga ko Pornhub idasaba abayikoresha kugenzura umwidondoro canke imyaka y'abavugwa muri aya mareresi - mbere, nk'uko CBS ibivuga, ikaba itanasaba impusha ababoneka mu mashusho yashizwe kuri uru rubuga ngurukanabumenyi.

Ikigo c'abanyamategeko Brown Rudnick LLP, ari naco giserukiye abitwaye, kivuga ko bitwaye bishimikije itegeko ryo mu 2000 ryo gukingira abakorewe icaha co gucuruzwa n'ico ihohotera (Victims of Trafficking and Violence Protection Act).

Umwe muri bano bagore bitwaye yabwiye CBS ko yari afise imyaka 17 igihe umuhungu bari bakundanye yamutegeka ko yifata ireresi ari gusa.

Uyu mugore yitaziriye Isabella, avuga ko iyi reresi yahavuye ishirwa kuri Pornhub atagishijwe inama kandi ko yagiye kuyibona ayisanganye mugenziwe.

Pornhub ivuga ko "ifata nka nkama ikirego ico ari co cose ku muntu yokoresha nabi uru rubuga, harimwo n'aba bitwaye muri uru rubanza".

Mu kw'icumi na kabiri guheze, itohoza ryakozwe n'ikinyamakuru New York Times ryaragirije Pornhub ko "yanyegewe" n'amareresi y'ihohotera ry'abana n'ayandi ajanye n'ugufata ku nguvu, ivyo uru rubuga rwamirira kure.

Pornhub ivuga ko mu 2019 yaronse abakoresheje urwo rubuga bangana imiriyaridi 42, hamwe n'amareresi imiriyoni 6.83 yashizwe ku rubuga. Ntivuga igitigiri c'abazihweza yakoresheje.