Minneapolis: Deona Knajdek, yazibiye abari mu myiyerekano baramugonga arapfa

Ahavuye isanamu, Facebook
Umugore yapfuye igihe imodoka yiwe yasekwa n'iyindi mu myiyerekano y'i Minneapolis muri reta ya Minnesota bamenye ko ari nyina w'abana babiri.
Deona Knajdek w'imyaka 31 avugwa ko yariko akoresha imodoka yiwe mu kuzibira ibarabara kugira abari mu myiyerekano ntibabandanye hanyuma ica igongwa n'iyindi, hari mw'ijoro ryo ku wa Mungu.
Uwagirizwa gukora ibi yaciye ahagarikwa n'abari mu myiyerekano nyene hanyuma ashikirizwa igiporisi. Nta wuzi icatumye uyu mugabo aseka imodoka y'uyu mugore.
Abari mu myiyerekano bariko basaba abategetsi gusigura icatumye umugabo w'umwirabure agandagurwa.
Umupfasoni Knajdek yapfuye ari muri rusehabaniha yari imujanye mu bitaro. Hari uwundi umwe yari mu myiyerekano yakomeretse akaba yaciye ajanwa mu bitaro, nk'uko bivugwa n'igiporisi.
Abajejwe amatohoza bavuga ko aya mbere amaze gukorwa yerekana ko uyu mudereva yagirizwa kugonga uyu mukenyezi yoba yakoze iri sanganya kubera yari yanyoye ibiyayuramutwe canke inzoga nyinshi.
Mu gatondo ko ku wa Mungu, umupfasoni Knajdek yari yashize ku rubuga rwa Facebook amashusho yerekana imyiyerekano yariko iba mu mutekano, aho abari muri yo i Minneapolis bari bakoraniye mu kibanza c'amahwane y'amabarabara.
Amasaha makeya imbere yaho, yari yashizeho isanamu ifise icivugo ngo:"Nimba tutakironse, cugare!!!". Kuri 'page' yiwe ya Facebook, avuga ko yari umuntu yari yarakorewe ihohoterwa kandi ko yariko agerageza gusubirana inyuma yo kunywa ibiyaruramutwe.
Ejo kuwa mbere, nyina w'umupfasoni Knajdek, Debbie Kenney, yarishikiye ahabereye iri sanganya ryahitanye umukobwa wiwe.
Umupfasoni Kenney yabwiye ikinyamakuru Star Tribune ati: "Yarondera ko ikindi cohabwa agateka kandi yarondera ko ubuzima bw'abirabure buhabwa agateka, rero kubera ibi yashaka ko vyose bihagarara".
Musaza w'umupfasoni Knajdek, Garrett Knajdek, yabwiye iki kinyamakuru ko mushikiwe "yariko akoresha imodoka yiwe mu kuzibira ibarabara, hanyuma iyindi modoka irayiseka, iyo modoka yiwe nayo ica iramuseka".
Avuga ko hari haciye umwaka n'igice mushikiwe agarutse i Minnesota avuye muri Georgia kugira ngo asubirane n'abana biwe b'abigeme b'imyaka 11 na 13.
Musazawe ati: "Yari umuntu ameze neza cane, yaciye mu bibazo vyinshi ariko yamye abirengana".
Kuva umugabo w'umwirabure, Winston Boogie Smith w'imyaka 32 agandaguwe n'abajejwe umutekano ku wa 03 z'uku kwa gatandatu, Minneapolis irangwamwo imyiyerekano.
Abajejwe umutekano bavuga ko bariko bagerageza kumuhagarika ku mutahe yari yasohorewe yagirizwa icaha co gutunga inkoho mu buryo budahuye n'amategeko.
Bavuga ko uyu mugabo yari se w'abana batatu yari mu modoka yari ihagaze, hanyuma asohora inkoho, ari co catumye abajejwe umutekano bamwugururirako umucanwa.
Abajejwe amatohoza muri iyo reta bavuga ko ata mashusho ya kamera z'abaporisi yerekana ingene uyu mugabo yishwe, abari mu myiyerekano bagasaba izindi nsiguro.
Minneapolis yarabaye intandaro y'imyiyerekano yakwiye igihugu cose yiyamiriza ivanguramoko rikorerwa abirabure inyuma y'aho igiporisi ciciye George Floyd, umugabo w'umwirabure ata nkoho yari afise, hari ku wa 25 z'ukwa gatanu 2020.











