Uefa Euro 2020 itangura uno munsi: Ibi ni ivyankenerwa womenya kuri iri higanwa ribaye ritevye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ihiganwa ry'umupira w'amagaru Euro 2020 riratangura kuri uno wa Gatanu - mu gihe n'ubundi ryobaye ihiganwa ridasanzwe, rizokwitandukanya n'ayandi ku mpamvu nyinshi.
Iri higanwa ryagumanye izina ryaryo naho ryigijwe inyuma umwaka umwe kubera ikiza ca Covid-19. Ubu rizoba kuva itariki 11 z'ukwa gatandatu gushika 11 z'ukw'indwi, ribere mu bihugu 11, bitandukanijwe n'ibirometero 4.766.
Ni ihiganwa rya mbere rikomeye mu rwego rw'abagabo ku gihugu ca Scotland kuva mu 1998, mu gihe Ubwongereza bushora kwungukira mu gukiniria muhira hafi y'inkino zabwo zose, nayo Wales ikaba igiye muri Euros ubugira kabiri yikurikiranya.
Ubwongereza na Scotland, biri mu mugwi umwe, ni bibiri mu bihugu vyakiriye izi nkino zo ku rwego rwa Buraya, za mbere zibereye hirya no hino kuri uyu mugabane.
Ni ihiganwa rya mbere rikomeye ku rwego rw'abagabo ribereye ku butaka bw'Ubwongereza kuva igihe ca Euro 1996.
Ni ryari kandi ni hehe inkino zizobera?
Ihiganwa riratanguzwa n'urukino hagati y'Ubutaliyano na Turkiya rubera i Roma kuri uyu wa gatanu itariki 11 z'ukwa gatandatu (19:00 ku saha mpuzamakungu), rizoheraherezwe i Wembley mu muji wa London kuwa Mungu itariki 11 z'ukw'indwi.
Iyindi miji izokwakira izi nkino ni Glasgow, Amsterdam, Baku, Bucharest, Budapest, Copenhagen, St Petersburg, Munich, Rome na Seville.
None hazoba hari abarorerezi?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Haritezwe abarorerezi mu nkino zose 51.
Inkino zobereye i Dublin zimuriwe i St Petersburg hamwe na Longon, imiji isanzwe izokwakira inkino z'iri higanwa, nayo izobereye i Bilbao zajanywe i Seville - kuko ata n'umwe muri iyo miji yari kwizeza yuko izokwemerera abarorerezi kwinjira mu bibuba.
Abarorerezi benshi kurusha ahandi bitezwe ku kibuga ca Puskas Arena i Budapest - gisanzwe cakira abarorerezi 68.000 - gitegekanya kuzokwakira 100% vy'abarorerezi gishobora kwakira.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibibuga vya Wembley Stadium na Hampden Park bitegekanya kwakira 25% vy'abo bishobora kwakira - ni kuvuga abantu 25.000 na 12.000 nk'uko bikurikirana.
Wembley izokwakira inkino z'ica kabiri gishira icanyuma hamwe n'inkino zanyuma, ishobora kuzokwongera igitigiri c'abarorerezi uko inkino zizoja ziraba.
Kwuzuza ibibanza vyayo vyose 90.000 ni ibintu bishobora kuzoshika ku rukino rwa nyuma, mu gihe ingingo zo kwirinda Covid zose zokurwako ku tariki 21 z'ukwa gatandatu.
Ahandi, i St Petersburg na Baku, bazokwakira 50% vy'abashobora kwinjira bose, nayo iyindi miji - Amsterdam, Bucharest, Copenhagen, Munich, Rome na Seville - yakire hagati ya 22% na 45%.
Ingingo ku gitigiri c'abarorerezi bashobora kwinjira yafashwe n'uturere/intara ukwavyo, si ingingo yafashwe na Uefa.
Abarorerezi bazokenera gupimwa?

Ahavuye isanamu, BBC Sport
Ibihumbi vy'abarorerezi bari baraguze amatike mu 2019 - amatike yabo yahinduwe impfagusa banasubizwa amafaranga kubera abantu bake ibibuga bizoshobora kwakira.
Ariko abagize amahirwe yo kugumana amatike yabo bazoba bafise izindi ntambamyi nkeyi zo gukura mu nzira imbere y'uko baja kuraba inkino.
Buri muji ufise amategeko yawo - ariko abafana bazotegerezwa kwambara udupfukamunwa mu nkino zose (kiretse bafise urupapuro rwa Muganga rubemerera kutatwambara).
Hazoba kandi hari imiti yo gukaraba intoke hose ku kibuga kandi abarorerezi bazosabwa kuguma mu bibanza vyabo uko bishoboka kwose kugira birinde kwegerana cane.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Glasgow, Munich na Baku ntibaremeza niba bizokenerwa kwipimisha imbere yo kwinjira mu kibuga - ariko ivyo birashobora guhinduka.
Ni ibihe bindi bitavugwako rumwe kuri izi nkino?
Kuva i Seville mu burengero bw'umugabane wa Buraya gushika i Baku iri mu buseruko ku birometero 4.766, ni urugendo rurerure ruzokenera gufata indege kenshi muri iri higanwa rya Euro 2020 - yaba ku bakinyi canke ku bihumbi vy'abarorerezi bazoba bashaka gushigikira amakipe yabo.
Kubera ingingo zo gukumira Covid bisigura yuko indege zizoba ari nkeyi cane ugereranije n'uko vyari vyitezwe aho haharurwa ingendo z'indege imiriyoni zibiri z'inyongera kubera iri higanwa, ariko naho nyene zizoba ari nyinshi.
Abarorerezi b'Ubusuwisi bashobora kuzokora urugenro rw'ibirometero 20.000 - harimwo ingendo zitatu i Baku zirimwo kugenda no kugaruka hagati canke mu burengero bwa Buraya.
Hari kandi no kwibaza niba koko ari nkenerwa guhimiriza abarorerezi b'ibihugu 24 kugendera ibihugu vyoshika nka bitanu mu kiringo c'ukwezi kumwe kandi hasanzwe hari ikiza ca Covid.









