France bari kwibaza abashaka gutyoza Pfizer

Yatangajwe

Benshi mu bantu bafise ababakurikira benshi ku mbuga hwaniro mu Bufaransa bavuga ko baronse ubutumwa batazi uwaburungitse bwo kubemerera amafaranga kugira bavuge nabi urucanco rwa Pfizer.

Bavuga ko ikigo kivuga ko gikorera mu Bwongereza cabarondeye kuri email (uburyo bwo kurungika ikete kuri internet) kibasaba ko "bokorana".

Léo Grasset afise abamukurikira kuri You Tube miriyoni 1,17 yanditse kuri twitter ko "hemewe amafaranga menshi" n'umukiriya "yashatse ko umwidondoro wiwe utamenyekana".

Yavuze ko imyidondoro yo kuri Linkln y'abiyita ko ari abakozi baco yari yashoboye kubona mu nyuma yanyitse , ariko yari yamaze kubona ko ''bose bakoze mu Burusiya".

Léo Grasset yashize ku rubuga ivyo avuga ko ari ingingo zo gukurikiza z'ico kigo , zamusaba kudakoresha amajambo nko "kwamamaza" canke "video yarishwe" hamwe yokwemera ko bakorana.

Email yamubwira ngo: "Uzokwerekane ko ari ingene wewe nyene ubona ibintu".

Canamusaba gukwiragiza mu bamukurukira ku mbuga hwaniro icemezo c'ububeshi ko urugero rwo gupfa mu bantu baba batewe urucanco rwa Pfizer ruhakwa gusumba incuro zitatu ababa batewe urwa AstraZeneca.

Ibigo n'bandi bantu benshi bafise ababakurikira benshi ku mbuga hwaniro mu Bufaransa, bose bari mu gisata c'amagara y'abantu n'ubuhanga (science), bavuze ko nabo baronse ubutumwa nk'ubwo.

Et Ça Se Dit Médecin, yimenyereza mu bitaro akaba afise abamukurikira 85.000 kuri Instagram, yabwiye television yo mu Bufaransa BFMTV ko yemerewe ama Euros 2.050 (miriyoni hafi 5 z'amafaranga y'Uburundi) kugira ashire inkuru y'ama sekunda 30 ku rubuga rwiwe.

Hagati aho umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe amagara Olivier Véran yabwiye BFMTV ati: "Ivyo bintu sinzi iyo bizanana, ko ari mu Bufaransa canke hanze.

"Birababaje, birabangamye, uwubikora ntaco anezwe kandi ntibishobora gukora."

Urucanco rwa Pfizer ruterwa incuro zibiri (izina ryose ni Pfizer-BioNtech) nirwo rukoreshwa cane mu Bufaransa. Rukorwa n'ikompanyi za Pfizer muri Amerika na BioNTech mu Budagi.

AstraZeneca, narwo ruterwa kabiri kandi rukoreshwa mu Bufaransa, rwo rukorwa n'ihinguriro ry'imiti i ry'Ubwongereza na Suede.

Mu kwezi kwa kane, icegeranyo c'ishirahamwe rya Buraya cavuze ko ibinyamakuru vyegamiye reta mu Busiya no mu Bushinwa bigerageza kubiba mu bantu kwinuba incanco za Covid zikorerwa mu bihugu vya Buraya - ikirego Uburusiya bwahakanye.