Zimwe mw'ifoto z'indwi muri Africa: Itariki 14-20 ukwezi kwa gatanu 2021

Yatangajwe

Urutororokane rwa zimwe mw'ifoto nziza z'indwi zo hirya no hino kuri uwo mugabane:

Ku musi wa gatatu twareretswe uko twokwifata kugira tugume tumeze neza ku nkengera y'igihugu ca Mozambique, i Pemba.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatatu twareretswe uko twokwifata kugira tugume tumeze neza ku nkengera y'igihugu ca Mozambique, i Pemba.
Ku musi w'Imana, umukinyi rurangiranwa wo mu Misri akinira Liverpool, Mohamed Salah, afise umupira imbere y'urukino rubahuza na West Bromwich Albion.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi w'Imana, umukinyi rurangiranwa wo mu Misri akinira Liverpool, Mohamed Salah, afise umupira imbere y'urukino rubahuza na West Bromwich Albion.
Umunonotsi w'umuganda Jacob Kiplimo ariko arerekana umwanya yagize inyuma yo kuba uwa mbere mu gusiganwa imetero 10.000 mu bagabo ku kibuga ca Golden Spike 2021 Athletics mu gihugu ca Republika ya Tcheque ku musi wa gatatu.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umunonotsi w'umuganda Jacob Kiplimo ariko arerekana umwanya yagize inyuma yo kuba uwa mbere mu gusiganwa imetero 10.000 mu bagabo ku kibuga ca Golden Spike 2021 Athletics mu gihugu ca Republika ya Tcheque ku musi wa gatatu.
Ku musi wa kabiri abakozi bo muvyo amagara y'abantu bagiye inzu ku yindi i Siaya muri Kenya, gutera abantu incanco zo kwikingira Covid-19 za AstraZeneca...

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa kabiri abakozi bo muvyo amagara y'abantu bagiye inzu ku yindi i Siaya muri Kenya, gutera abantu incanco zo kwikingira Covid-19 za AstraZeneca...
Mu zindi nkuru zerekeye gucandaga Covid-19, musenyeri Desmond Tutu wa Afrika y'epfo anezerewe ahejeje gucandagwa i Cape Town ku musi wa mbere.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu zindi nkuru zerekeye gucandaga Covid-19, musenyeri Desmond Tutu wa Afrika y'epfo anezerewe ahejeje gucandagwa i Cape Town ku musi wa mbere.
Ku musi wa gatanu, abapadiri b'aba Orthodox bo muri Ethiopia bicaye i Debre

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku musi wa gatanu, abapadiri b'aba Orthodox bo muri Ethiopia bicaye i Debre
Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, i bubamfu, ariko araha ikaze Prezida Paul Kagame w'Urwanda ku kirimba ca Elysee ku musi wa mbere.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, i bubamfu, ariko araha ikaze Prezida Paul Kagame w'Urwanda ku kirimba ca Elysee ku musi wa mbere.
Ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu baroze bava ku nkengera za Maroc binjira mu karere ka Ceuta muri Espagne mu mpera z'iyinga...

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu baroze bava ku nkengera za Maroc binjira mu karere ka Ceuta muri Espagne mu mpera z'iyinga...
Abantu batanguye gushika i Ceuta mu masaha ya kare cane ku musi wa mbere. Bamwe boga ku nkengera y'uruzitiro ruri ku rubibe mugihe abandi bariko baratambuka mu mazi make...

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu batanguye gushika i Ceuta mu masaha ya kare cane ku musi wa mbere. Bamwe boga ku nkengera y'uruzitiro ruri ku rubibe mugihe abandi bariko baratambuka mu mazi make...
Espagne ivuga ko abantu boba bashika ku gice c'abimukira basubijwe inyuma muri Maroc

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Espagne ivuga ko abantu boba bashika ku gice c'abimukira basubijwe inyuma muri Maroc

Izi foto zose tuzifitiye uburenganzira bwo kuzikoresha