Igiturire mu Burundi: OLUCOME isanga Prezida Evariste Ndayishimiye agifise vyinshi vyo gukora

Insiguro y'amajwi, Igiturire mu Burundi: Prezida Evariste yagihagurikiye ngo ariko intambwe ni ndende
Yatangajwe

Mu gihe Prezida w'u Burundi Evariste Ndayishimiye amaze iminsi afata ingingo zigaragaza kutihanganira igiturire, amashirahamwe akirwanya arashima bimwe ibindi akabinenga.

Rimwe muri ayo mashirahamwe ni OLUCOME, ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire no gusesagura itunga ry'igihugu.

Umukuru waryo Gabriel Rufyiri yabwiye Prudent Nsengiyumva wa BBC Gahuzamiryango ko hakenewe ko umukuru w'igihugu yigiza kure abasuma bose.

Umviriza aho hejuru...