DR Congo: Imvo n'Imvano isubira ku ntambara y'amoko muri Kivu y'Epfo mu karere ka Minembwe

Insiguro y'amajwi, DRC: Imvo n’imvano isubira ku ntambara y'amoko muri Kivu y’Epfo mu karere ka Minembwe
Yatangajwe

Uyu musi Imvo n'Imvano isubira mu karere ka Minembwe mu ntara ya Kivu y’epfo muri Republika ya Demokrasi ya Congo, ahabandanya kuvugwa intambara, ubwicanyi n’ibikorwa vy’ubusuma, mu ntambara ihuza imigwi y’aba Mai Mai bo mu moko y’abanyendu, abafurero n’ababembe hamwe n’imigwi ya Twirwaneho na Gumino y’abanyamulenge.

Impande zose zitungana agatoke kuri ubwo bugizi bwa nabi bubera cane cane muri 'territoire' ya Fizi, Uvira na Mwenga.

Ishirahamwe rihuza imiryango y’abanyamulenge ryitwa GAKONDO, riherutse kwandikira umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi, ko we ubwiwe yofata mu minwe ikibazo co guhagarika ivyo ryita ‘Itsembatsemba’ rikorerwa ubwoko bw’abanyamulenge.

Iryo shirahamwe risaba umukuru w’igihugu ca Congo guhagarika canke gukura muri ako karere bamwe mu basirikare bakuru bariyo, rirega gufashanya n’abica bakaniba abanyamulenge. Ku rundi ruhande ariko, aba Mai Mai barahakana ivyo bagirizwa.

Hagati aho, abo mu bwoko bw’abanyamulenge bari mu gisirikare ca reta bariko barakivamwo ngo bakaba binubira ingene imiryango yabo iterwa, ikicwa ikanasahurwa ngo ingabo za reta zirorera. Igisirikare ariko co kivuga ko gicungera umutekano w’abanye congo bose ata nkunzi, ko abakivamwo bari bacinjiye batazi ico bagiye gukora.

Intambara zahuje aba Mai Mai n’abanyamulenge mu mpera z’indwi ishize zatumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bata izabo barahunga.

Abanyamulenge bo mu karere ka Rurambo, 'groupement' ya Remera muri 'territoire' ya Uvira, bakavuga ko batewe na Mai Mai bari kumwe n’abarwanyi b’umuhari urwanya reta y’Uburundi ukoresheje ibirwanisho wa Red Tabara, ariko igisirikare kikavuga ko gushika ubu kitaramenya neza abateye abandi kuko muri ako karere hari imigwi yitwaje ibigwanisho ine, kandi ko ngo abahunze ari ubwoko bwose.

None izo ntambara ziri hagati y’abahoze babana batinubana ziva kuki? Ubutegetsi n'igisirikare bazifatamwo gute? Hokorwa iki kugira zirangire burundu?

Ivyo ni bimwe mu bibazo Cyriaque Muhawenayo aganirako n’abatumire, ari bo Pierro Kaluba, umuyobozi w'abanyendu ari muri 'territoire' ya Uvira mu ntara ya Kivu y'ubumanuko, Félix Rubogora, arongoye ishirahamwe rihurikiyemwo abanyamulenge bita GAKONDO, we ubu ari mu Budagi, hamwe na Gad Mukiza arongoye komine ya Minembwe.