UNICEF yatse DR Congo inkingo umuriyoni 1.3 za Covid kugira ntizite igihe

Yatangajwe

Ishami rya ONU ryitaho abana kw'isi, UNICEF, rigiye gusubira kugaburira ibindi bihugu doze zirenga umuriyoni za Covid zari zigenewe Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo kugira ngo ntizihave zirenza itariki ntarengwa.

Izi ncanco zari zatanzwe mu mugambi mpuzamakungu wa Covax, zizorangiza igihe cazo ku wa 24 z'ukwa gatandatu, nk'uko UNICEF ibivuga.

Hafi doze imiliyoni 1.3 kuri miliyoni 1.7 zigiye guhabwa ibindi bihugu harimwo Senegal, Amazinga ya Comores, Ghana na Angola.

Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo yaratevye gutanguza isekeza ryo gutanga incanco za AstraZeneca yari yaronse mu kwa gatatu kubera impungenge z'uko zishobora gutera ivura ry'amaraso.

Yagiye gutangura iri sekeza ryo gucandaga ku wa 19 z'uku kwa kane ariko abantu 1.265 ni bo bonyene bamaze guhabwa uru rucanco.