Covid-19: indwi barapfuye inyuma yo guterwa AstraZeneca muru UK, biteye amakenga

Ahavuye isanamu, EPA
Abantu indwi nibo bamaze gupfa mu Bwongereza kubera ivura ry'amaraso ryabaye inyuma y'aho baterewe urucanco rwa AstraZeneca, nk'uko bivugwa n'ikigo kijejwe imiti muri ico gihugu.
Ibi bibaye inyuma y'aho habonekeye abantu bakeya bagize ikibazo c'amaraso avura bamaze guterwa uwo rucanco.
Gushika ku wa 24 z'ukwa gatatu, mu bantu bangana na miriyoni 18 bari bamaze guhabwa uru rucanco, 30 muri bo nibo bagize iki kibazo c'ivura ry'amaraso.
Hagati aho, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO hamwe n'ishirahamwe rya Buraya rijejwe imiti, yompi avuga ko inyungu z'uru rucanco zisumba kure ingaruka rushobora kugira.
Umuvugizi wa AstraZeneca avuga ati: "Amagara y'umurwayi nico kintu tubandanya dushira imbere".
Abahinga hamwe n'abajejwe kwihweza imiti kw'isi bariko barihweza nimba uru rucanco ari rwo koko rutera iri vura ry'amaraso, urugero bishobora kuba, n'inkurikizi ku mugambi wo gucandaga.
Aya makenga niyo yatumye ibihugu bimwe bimwe harimwo Ubudagi, Ubufaransa, Ubuholande hamwe na Canada, bifata ingingo y'uko uru rucanco ruhabwa abatama n'abatamakazi gusa.
Ibiharuro vyashizwe ahabona n'ikigo kijejwe kwihweza imiti mu Bwongereza MHRA vyerekana ko abantu 22 aribo bagize ibibazo vy'ivura ry'amaraso mu bwonko, kizwi nka thrombose du sinus veineux cérébral (canke cerebral venous sinus thrombosis,CVST).
Hari abandi umunani nabo nyene basanze bafise ibimenyetso bishobora gutuma amaraso yabo avura.
Mu butumwa muravyo (e-mail) ikigo MHRA carungikiye BBC, camenyesheje ko "abantu indwi bapfuye".
Iyi ngorane kandi iramaze kwibonekeza no mu Budagi, aho abantu 31 ari bo bagize ikibazo c'amaraso kuvura, icenda bakaba barapfuye, ku bantu imiriyoni 2.7 bahawe urucanco rwa AstraZeneca, abenshi muri bo bakaba ari abagore bakiri bato. Iki nico catumye ku musi wa kabiri w'iyi ndwi reta ifata ingingo yo kubangira kurutera abakiri bato.
None rwoba ari uru rucanco rutera izi ngorane?
Gushika ubu, ntibiratomoreka.
Mu ntango z'ino ndwi, ikigo kijejwe imiti ku mugabane wa Buraya (EMA) cavuze ko ata kivyemeza ariko ko bishoboka.
Iki kigo kiriko kirihweza nimba iri vura ry'amaraso ari inkurikizi ry'uru rucanco canke nimba ari ikintu cari gisanzwe cobaye bigaca bihurirana.
Ni ikibazo kitoroshe kuko iyaba vyari ibintu bishobora gushikira nk'umwe mu bihumbi cumi, aha vyaca bigaragara neza koko ko ari inkurikizi.
Hagati aho, umuhinga mu bijanye n'amagara y'abantu, Prof. Linda Bauld wo kw'ishure kaminuza rya Edinburgh, yabwiyte BBC ko iki kibazo ari "ikintu kidahuse kiribonekeza" agashimangira ko gushika ubu ata "cemeza nimba koko ari ingaruka z'uru rucanco".
Ahanura abantu kubandanya bitabira incaco, akongerako ati: "Covid yonyene ubwayo irashobora gutuma amaraso avura, kandi bishoboka ko ibi ari bimwe mu biriko bituma tubona ibi bintu".
Muri kino gihe, isi yose ibandanya isuzuma neza aya makuru, ariko insobanuro nyayo ishobora gufata igihe kitari gito.










