Tanzania: Imvo n'Imvano kw'iragi rya Prezida John Magufuli
Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 ukwezi kwa gatatu mu 2021. Iki kiganiro cerekeye urupfu rwa Prezida John Pombe Magufuli wa Tanzania aherutse kwitaba Imana mu mpera z'indwi iheze, kikaba kibaye inyuma y'umusi umwe ashinguwe ku mavuko yiwe mu karere ka Chato mu ntara ya Geita.
John Pombe Magufuli, umuhungu yavutse ku murimyi-mworozi mu nyuma agatorerwa kuba Prezida wa Tanzania mu mwaka wa 2015, yitavye Imana afise imyaka 61. Reta yaciye isohora itangazo ivuga ko azize ingwara y'umutima.
Imbere yo kuba Prezida, Magufuli yari yataziriwe izina rya 'Tingatinga' - mwene vya bimodoka bikora amabarabara - kubera ibikorwa vyiwe vyo kwubaka amabarabara igihe yari umushikiranganji w'ibikorwa vya reta.
Azwi cane kandi mu bikorwa vyo kugwanya igiturire n'isesagurwa ry'itunga ry'igihugu. Ibikorwa vyiwe vyari bigamije gutanga umwimbu uboneka, vyabonetse nk'akarorero gashobora gukurikizwa no mu bindi bihugu vya Afrika nk'umuti uyu mugabane ukeneye mu guhangana n'ikibazo c'intwaro ibereye.
Muri bimwe mu bikorwa yakoze, harimwo kwugarura amahera yahembwa abakozi batabaho, kwirukana abakozi barya ibiturire canke badatanga umwimbu ushimishije ku mugaragaro rimwe na rimwe ku mboneshakure, anafuta imisi mikuru harimwo uwo kwikukira, ahubwo asaba ko haba umusi wo gukora ibikorwa rusangi.
Magufuli kandi yarahagaritse ingendo zose z'abategetsi baja mu bindi bihugu, kandi na we ntiyakunda kugira ingendo mu makungu. Mu kiringo ca mbere c'ubutegetsi bwiwe, izo ngingo yagiye arafata zatumye akundwa cane.
John Pombe Joseph Magufuli yarakunzwe cane kubera ingene atarya umunwa, ariko mu gihe ciwe ca nyuma hari abamunegura na cane cane ku vyerekeye ikiza ca coronavirus. Aha yigeze kuvuga ko ico kiza caranduranywe n'imizi muri Tanzania, ahandi agahimiriza abantu gukoresha imiti kavukire.
Igihe yitoreza kuba umukuru w'igihugu mu kiringo ca kabiri mu 2020, abo batavuga rumwe bamwagirije kwiba amajwi kandi ko yaguma abatera ubwoba.
Nka Prezida, yaragirijwe guturubika abatavuga rumwe na reta no kubangamira uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro n'itangazamakuru. Ubutegetsi bwa Magufuli bwarahagaritse ibinyamakuru bimwe bimwe. Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International ryavuze ko abanyamakuru batewe ubwoba.
Mu 2017, umushingamateka Tundu Lissu, yaje guhangana na Prezida Magufuli mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2020, yararashwe ari imbere y'umuhana wiwe, arakomereka bikomeye. Lissu yagirije reta ko ari yo yagerageje kumwica kuko yavuga ko ari reta y'umukazo. Reta ariko yarabihakanye.
Ariko n'abo batavuga rumwe hari bimwe bashimira Prezida John Pombe Magufuli, nk'uruhara yagize mw'iterambere rya Tanzania mu gushira imitahe mu migambi myinshi nko mu mabarabara y'indarayi azohuza ico gihugu n'ibihugu bibanyi, kwagura amabarabara hamwe n'inzira z'imodoka zunguruza abantu zihuta mu gisagara ca Dar es Salaam. Yongereje kandi umuyagankuba yongera agarukana kompanyi y'indege Air Tanzania.
None vy'ukuri Prezida Magufuli asize irihe ragi?
Kugira tuganire kuri ibi vyose, ku murongo wa telephone turi kumwe na Baraka Marembo ari mu gisagara ca Tabora ashigikiye ivyiyumviro vy'abakebura reta ya Tanzania.
Turi kumwe kandi na Alfred Bishundu ashigikiye umugambwe uri ku butebetsi wa CCM ari mu gisagara ca Kahama mu ntara ya Shinyanga.
Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Cyriaque Muhawenayo ari muri studios za BBC i Nairobi muri Kenya.