Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Covid: Bolsanaro wa Brazil yise abakuru b'intara 'abanyagitugu' kubera ingingo za guma mu rugo
Umukuru wa Brezil Jair Bolsonaro yise "abanyagitugu" abakuru b'intara n'ibisagara bafashe ingingo z'umukwabu wo kutava mu ngo kugira bahagarike ikwirakwira rya coronavirus.
Ashikiriza ijambo abayoboke biwe mu birori vyo guhimbaza isabukuru ry'amavuko yiwe, yavuze ko reta yiwe yakoze ivyo ishobora vyose ko hageze rero ko imirimo y'ubutunzi isubira gukorwa.
Ku ndwi iheze, ikigo ca mbere mu bijanye n'amagara y'abantu Fiocruz cagabishije kivuga ko igisata co kwitaho amagara y'abantu muri Brezil cananiwe ku rugero rutari bwigere ruboneka.
Cavuze ko ivyumba vyo mu bitaro vyakira abaremvye cane vyarengewe.
Prezida Bolsanaro, yakwije imyaka 66 ku wa mungu, yagumye yanka ingingo zo kuguma mu rugo, avuga ko ingaruka zazo ku butunzi zoba mbi cane kurusha ingaruka z'iyo ndwara ubwawo.
Mu minsi iheze uwo mukuru w'igihugu yabwiye abanyaBrezil ''kureka kuboroga" kubera ico kiza.
Uburyo Bolsonaro yitwara ku kibazo c'indwara ya corona bwatumye anegurwa cane mu gihugu no mu mahanga.
Mu yindi nkuru itandukanye ariko ijanye n'iyo, ubushikiranganji bwa Brezil bujejwe amagara y'abantu ku wa mungu bwakuyeho ingingo yategeka kubika 50 kw'ijana y'incanco kugir zizoterwe abamaze kuronka urwa mbere.
Umushikiranganji yahahora Eduardo Pazuello yavuze ko intumbero ari ukugira igitigiri kinini gishoboka c'abantu baronke nibura urucanco rwa mbere vuba hashoboka, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Brezil iriko irita ku rutare kugira hatangwe incanco muri ico gihugu kinini cane. Gushika ubu hakoreshwa incanco za Oxford-AstraZeneca na CoronaVac rwo mu Bushinwa, zompi zikenera ko umuntu aziterwa kabiri.
Brezil yanatumyeko kandi incanco za Pfizer-BioNTech, Johnson & Johnson na Sputnik V.
Brezil iza ubwa kabiri kw'isi mu bihugu bifise impfu nyinshi zifatiye kuri Covid-19 - inyuma ya reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Abantu barenga 294.000 baramaze guppfa kuva ico kiza giteye, abamaze kwandura iyo ndwara gushika ubu ni miriyoni 12, hakurikijwe ibiharuro bitororokanywa na kaminuza ya Hopkins yo muri Amerika.
Muri rusangi muri Brezil hapfa abantu 2.200 ku munsi kubera Covid.
Umurindi wa vuba wo kwandura bivugwa ko watewe n'ubwoko bushasha bw'uwo mugera bwandukira cane.
Fiocruz kivuga ko intara 27 za Brezil havuyemwo zibiri gusa, zose zimaze kuja hejuru ya 80% y'ubushobozi bwo kwitaho abarwaye Covid-19.
Muri Rio Grande do Sul, ico kigo kivuga ko ata gitanda na kinwe cari gisigaye co kwakira abaremvye cane.