Motsepe agiye gutwara Caf ubwo asigaye ari wenyene mw'ihiganwa

Patrice Motsepe of South Africa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Patrice Motsepe niwe agiye kuba umukuru w'urwego rujejwe umupira w'amaguru muri Africa (Caf) inyuma y'aho igihano c'imyaka itanu ca Ahmad kigabanirijwe kikaja ku myaka ibiri na sentare ijejwe amatati mu nkino (Cas) kuri uyu wa mbere.

Inzira y'uwo mutunzi aharura amafaranga muri za miriyaridi Motsepe yo kuba umunya-Afrika y'Epfo wa mbere atwaye Caf ubu ni umuharuro inyuma y'aho batatu mu bo bahiganwa basokoreye mu mpera z'indwi yaraye iheze.

Intambanyi ya nyuma kugira uwo mugabo w'imyaka 59 ashikire ico kibanza ku wa gatanu yari kuba ukugaruka kw'uwahora atwara Caf Ahmad, yari akeneye gutsinda rwose urubanza rw'ingingo yafatiwe na FIfa kugira ashobore kuja muri ayo matora.

Uwo mugabo w'imyaka 61 aturuka muri Madagascar ntiyabishitseko, n'ubwo yateye intambwe mu kuba igihano ciwe cavuyeko ibirenga ica kabiri, n'amafaranga yaciriwe kuriha akava ku bihumbi birenga 200 vy'ama dolari agashirwa ku bihumbi birenga gato 50 gusa.

N'ubwo yejejwe ku bijanye n'ivyo Caf yakoranye na kompanyi yo mu Bufaransa Tactical Steel, Ahmad yagiriwe no kurenga ku zindi ngingio zitatu za Fifa.

Cas yavuze mw'itangazo iti: ''Abagize Cas mu ruhande rumwe bahaye agaciro urubanza rwungurujwe bagabanya ikiringo c'igihano cari caciriwe Ahmad gishirwa ku myaka ibiri, guhera uyu munsi, havuyemwo ico amaze kumara hagati y'itariki 19 z'ukwezi kwa 11 mu 2020 n'itariki 29 ukwezi kwa mbere mu 2021, banagabanya ihadabu."

Urwego rujejwe amatati rusanga Ahmad ata nyungu ku giti ciwe zaranze amasezerano hagati ya Caf na Tactical Steel, ikigo gikora ibikoresho vyo kwinonora imitsi, ariko amasezerano akaba yari yerekeye ko iyo kompanyi yogurisha kuri Caf imyambaro yo gukinana.

Caf President Ahmad

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ahmad aturuka muri Madagascar ntagishoboye kuja mu matora azoba ku wa gatanu

Ariko yagiriwe no kuba yararenze ingingo z'akarangamutima zijanye no 'gutanga no kwakira utuganuke canke utundi turusho', 'gukoresha nabi ubutegetsi' no 'gukoresha uburyo nk'uko bwoba ari rwawe''

Abantu batatu bagize Cas bemeje ata n'umwe avuyemwo ko hatagaragara neza inyandiko zerekeye amafaranga Ahmad yahawe ''kw'iherekanwa ritandukanye ry'amafaraga, kwemera guhabwa amafaranga abona, ayaciye muri banki n'utundi turusho tudaciye mu masezerano canke mu nzira zitegekanijwe'.

Ariko ku bijanye no gufata ingingo niba gutunganya urugendo rw'idini rwa Umrah muri Arabia Saudite Ahmad yararenze ingingo zijanye no gutanga utuganuke hongeyeko kwiyitirira uburyo, aho habonetse igitigiri gikenewe gusa kugira ingingo yemezwe.