Abaheruka gukatirwa uwo guherayo mu Burundi ngo bazungururiza hanze
Abaserukiye abaheruka gukatirwa igihano co gupfungwa burundu na sentare mu Burundi bagirizwa uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Nkurunziza bavuga ko bazungururiza hanze.
Urunani rw'abashingwamanza rurimwo n'Abarundi, muri ino ndwi rwasohoye inyandiko igaragaza ko rudashima ingene urwo rubanza rwaciwe.
Ubutungane bw'u Burundi buheruka gushira ahababona ivyavuye mu rubanza rwaciwe mu mwaka uheze, aho abantu 34 bakatiwe igipfungo co guherayo hamwe no kuriha indishi y'amafaranga menshi ku vyononeka mu 2015.
Iyo nyandiko ivuga yuko urwo rubanza rwaciwe abaregwa atariho bari, rwari rushingiye ku mpamvu za politike.
Abo bashingwamanza bakaba bavuga ko bagiye kwitura ubucamanza bwo mu mahanga kugira barenganure abahanywe na sentare mu Burundi.
Florentine Kwizera yavuganye na Maitre Lambert Nigarura, ari muri urwo runani, atangura amubwira ico batashimye muri urwo rubanza (umva aho hejuru ikiganiro bagiranye).