Ubwa mbere mu mateka ya Katolika, Papa yagenye umugore muri sinodi y'abepiskopi

Ahavuye isanamu, EPA
Ubwa mbere mu mateka ya Ekleziya, Papa yagenye umugore nk'icegera c'umunyamabanga w'inama nkuru y'Abeposkopi.
Umubikira Nathalie Becquart, ava mu Bufaransa, azoba afise uburenganzira bwo gutora muri iyo nama, isanzwe ihanura Papa kandi ikaganira ku bibazo bimwe bimwe nkoramutima muri Ekleziya Katolika.
Umubikira Becquart yari asanzwe akorana n'iyi sinodi y'Abepiskopi (inama nkuru y'abasenyeri yiga ibibazo nkoramutima vya Ekleziya Katolika) kuva mu 2019 nk'umujenama.
Umunyamabanga mukuru w'iyi nama nkuru, Kardinali Mario Grech avuga ko iri genwa ryerekana ko "umuryango wuguruye".
Avuga ko iyi ngingo yerekana ko Papa yipfuza ko "abagore bagira uruhara runini mu gufata ingingo muri Ekleziya".
Umunyamakuru wa BBC John McManus avuga ko iyi ngingo iterekana ko abagore bashobora kwatirwa mw'ibanga ry'ubusaserdoti, n'aho bamwe mu badashima iyi ngingo babona ko ari yo ibintu bitera bija.
Luis Marín de San Martín, umupatiri wo muri Esupanye, na we nyene yagenywe kuba icegera c'umunyamabanga w'iyi nama.
Muri ino myaka iheze, Sinodi y'Abepiskopi yaraganiriye ku bibazo nkoramutima bijanye n'ukwemera kw'Ekleziya, harimwo ikibazo c'ingene bakwiye gufata Abakatolika bubatse n'abapfakaye.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa

Iyi ngingo ije haciye ikiringo kidashika ukwezi Papa Francis ahinduye itegeko rya Ekleziya kugira ngo yemerere abagore gusangiza no kurangura amabanga ya Arutari, n'aho iri tegeko rishimangira ko ibanga ry'ubusaserdoti ribandanya kuba iry'abagabo gusa.
Hagati aho, mu mwaka uheze, Papa yaragenye abagore batandatu mu nama nkuru ijejwe gukurikirana ikigega ca Vaticano.










