Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
U Burundi buvuga ko bwakoze ivyo bwasabwe, hasigaye ko u Rwanda rugira uko
Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'u Burundi yabwiye BBC ko Prezida Ndayishimiye afise icizere ko u Rwanda n'u Burundi bizosubira kunywana ariko ko hakiri ivyo u Rwanda rutegerezwa kubanza gukora.
Claude Karerwa Ndenzako yavuze ko impungenge u Rwanda rwashikirije ku bijanye n'u Burundi zose zatangiwe inyushu, nk'ikibazo c'uko u Burundi bwoba bucumbikiye abashaka gutera u Rwanda, ngo haraje umugwi utohoza usanga badahari.
U Burundi ngo buracarindiriye ko u Rwanda rutanga abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015 bahungiyeyo, hamwe no kureka kwivanga muri politike yabwo.
Umuvugizi wa Prezida w'u Burundi, Bwana Ndenzako, yabandanije avuga ko hari intambwe imaze guterwa ngo kuko u Rwanda rwaretse impunzi zishaka gutahuka zikabikora.
Aha hari nyuma y'ijambo umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yaheruka gushikiriza mw'ikoraniro ry'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, aho wari uramutse utora umunyamabanga mukuru mushasha, uwo nawe akaba ari Reverien Ndikuriyo, yahoze ari umukuru w'inama nkenguzamateka.
Prezida Ndayishimiye yavuze ko afise icizere cinshi y'uko u Burundi n'u Rwanda bizosubira kunywana nk'ibihugu vy'ibivukanyi.
Kurikirana aho hejuru ikiganiro Claude Karegwa yagiranye na Florentine Kwizera.