Imvo n'imvano ku vyaranze amatora yo muri Uganda yo ku wa 14 z'uku kwa mbere 2021
Yatangajwe
Turabahaye ikaze mu kiganiro c'imvo n'imvano c'uyu musi aho turabira hamwe amatora rusangi yaranzwemwo ukwitana ba mwana aherutse kuba muri Uganda itariki 14 z'uku kwezi. Prezida Museveni w'imyaka 76 ni we yatahukanye intsinzi ku ncuro ya 6 yikurikiranya, ariko umukuru w'abatavuga rumwe na reta Robert Kyagulanyi batazira Bobi Wine yaje mu kibanza ca kabiri avuga ko ayo matora atabaye mu muco. Mu kwihweza neza ivyaranze ayo matora Imvo n'imvano yatumiye abatumire batatu : Andrew Peter Mugisha Ndizeye wo mu mugambwe NRM wa prezida Museveni, Barnabas Bishaka wo mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi wa DP, hamwe na Bernard Sabiti, umusesenguzi