MINUSCA: ONU iriyamiriza iyicwa ry’umusirikare w’Umurundi muri

Yatangajwe

Umusirikare w'Umurundi yari mu ngabo zagiye kubungabunga amahoro muri Centrafrique yarishwe ku munsi wa gatanu mu gitero cakozwe n'inyeshamba mu karere ka Grimari, k'intara ya Ouaka, nk'uko itangazo ry'Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribivuga.

Iri tangazo rivuga ko inyeshamba ziyita Coalition des Patriotes pour le Changement(CPC) zakoze igitero ku ngabo za MINUSCA zari mu bikorwa vyo gucungera umutekano muri ako karere, zikica uyo musirikare zinakomeretsa n'abandi babiri.

Abaye umusirikare agize kane w'Umurundi yishwe muri ico gihugu mu kiringo kidashika ukwezi, inyuma y'abandi batatu bishwe ku wa 25 z'ukwezi guheze.

Uburundi bwararungitse ingabo zababa 760 muri Centrafrique mu rwego rwa MINUSCA (Mission multidimensionnelle Intégrée des Nations Unies pour la Stabilisation en République Centrafricaine) mu ntumbero yo kugarukana amahoro muri ico gihugu kiri mu ntambara kuva imyaka itari mike.

Iryo tangazo ryasohowe n'umuvugizi w'umunyamabanga mukuru wa ONU, Stéphane Dujarric, rivuga ko mu gatondo ko ku munsi wa gatanu, ingabo za MINUSCA zikomoka mu Burundi no muri Bangladesh zariko zirakizura mu micungararo ya Grimari, zigwa mu mitego ibiri ikurikirana y'izo nyeshamba.

Riti: "Uyu musirikare w'Uburundi yishwe mu mutego ugira kabiri. Abasirikare babiri bava muri Bangladesh barakomeretse muri ivyo bitero".

Umunyamabanga mukuru wa ONU asaba abategetsi ba Centrafrique gukora uko bashoboye kwose bakamenya abakoze ibi bitero kugira ngo babashire imbere y'ubutungane.

Yibutsa ko ibitero ku ngabo za ONU zagiye kugarukana amahoro n'umutekano bishobora kuba ivyaha vyo mu ntambara kandi ko "bitegerezwa guhanwa".

Umunyamabanga mukuru wa ONU aratewe impungenge n'umutekano ubandanya uhungabana muri ico gihugu, agasaba impande zompi guhagarika intambara bagatorera inyishu y'ibibatandukanya mu mahoro.

Uyu musirikare w'Umurundi yishwe inyuma y'iminsi ibiri hishwe umusirikare w'u Rwanda muri ico gihugu nyene.

Ejo ku wa gatandatu, Inama Nkuru y'umutekano mw'ishirahamwe ONU yasohoye itangazo aho yiyamiriza igandagurwa ry'aba basirikare, uw'u Rwanda ku wa 13 z'uku hafi y'umugwa mukuru Bangui , nayo ubo Uburundi ku wa 15 .

Rivuga ko abagize inama nkuru y'umutekano "biyamiriza bivuye inyuma ibitero vyose, agasotoro no gukokeza ibitero vy'imirwi yitwaje ibirwanisho n'abandi bagizi ba nabi ku ngabo za MINUSCA".

Rivuga kandi ko abagize inama nkuru y'umutekano bashimangira ko bari inyuma ya MINUSCA, kandi ko bashimira cane ibihugu vyarungitse abasirikare n'abaporisi bavyo muri ico gikorwa co kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Abagize iyi nama nkuru y'umutekano basaba ko ari nkenerwa y'uko MINUSCA ihabwa ibikoresho nkenerwa kugira ngo bashobore kurangura amabanga yayo yongere ikingire n'umutekano w'ingabo za ONU.