Ibibazo vyanyu kuri Covid-19 birishurwa na Muganga

Insiguro y'amajwi, Ibibazo vyanyu kuri Covid-19 birishurwa na Muganga
Yatangajwe

Turasubira kubatumikira nk'uko twabibemereye ku minsi ya mbere no kuwa gatatu, mu kubaronderera inyishu ku bibazo vyanyu vyerekeye  ingwara ya Covid-19.

Uno munsi abitwa Klemento Ndayisenga, Jean Pierre Ndayishimiye na Juvel Mbazumutima bahuriye ku kibazo co kumenya nimba umuntu ashobora gusubira gufatwa n'umugera wa corona yarigeze kuwandura.

Umva inyishu aho hejuru na Muganga Leonard Nduwayo, yavuganye na Florentine Kwizera.