Ikizura: Mu mafoto uko DR Congo iboneka mw'ijoro

Peacekeepers with civilians

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Yatangajwe
1px transparent line

Mu gihe isi ihanganye n'ikiza ca Covid-19, izindi ngorane z'abantu hamwe n'intambara ntawugira ico abivuzeko vyihuta. Hugh Kinsella Cunningham asanzwe akora umwuga wo gufata amafoto yaragiye mu giguhu ca Republika ya Demokrasi ya Congo, aho yafashe amafoto y'ingabo za Onu zagiye kubungabunga amahoro muri ico gihugu ziriko zirakizura mw'ijoro.

Scenes through night vision goggles

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Cunningham yari mu ntara ya Ituri hamaze igihe hari intambara yatumye abantu barenga imiliyoni 1.7 bata izabo muri iyi myaka 2 iheze.
Peacekeeping troops from B company of a Uruguayan army

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Yari kumwe n'ingabo za Onu zo muri kompanyi B zigizwe na batayo y'abasirikare bo muri Uruguay, bari barungitswe kwigizayo abagwanyi kure y'amakambi y'abateshejwe izabo.
1px transparent line
Lieutenant Javier Diaz of the Uruguayan peacekeeping force

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Izi foto zafashwe hifashishijwe amarore ya gisirikare abona mw'ijoro. Amakambi y'abateshejwe izabo ni menshi kandi kenshi na kenshi uyasanga mu duce turi kure na kure
1px transparent line
Displaced civilians

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Ubwoko bw'aba Hema n'aba Lendu bamaze igihe bagwana bapfa ubutaka mu ntara ifise ubutunzi bwinshi bw'inzahabu. Benshi mu ba Lendu n'abarimyi mu gihe aba Hema basa n'uko ari aborozi.
1px transparent line
Displaced civilians

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Hagati ya 1999 na 2003, abantu boba bashika 50.000 barapfiriye mu bwicanyi budaharurwa, no mu bwicanyi bwasubiye kwaduka mu 2017 bwatangujwe n'abagwanyi b'aba Lendu
A mother and her child react as a peacekeeping unit walks through

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Imigwi yitwaje ibigwanisho iri muri ako karere yose ikora kumwe mu kwiba no mu guturira amazu, bituma abari barahunze bibagora gusubira mu bigwati vyabo.
1px transparent line
Lieutenant Diaz

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Lt Diaz acunze isengero mu micungararo ya Fataki, igisagara kimaze kuberamwo ubwicanyi bwinshi. Ubutumwa bwa Onu muri RD Congo bwarongererejwe uwundi mwaka mu kwezi guheze - kandi hari umugambi wo kuza baravayo buhoro buhoro
1px transparent line
Preparing a meal

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Benshi mu bahunze intambara bahungiye mu bandi banyagihugu, ariko bamwe ubu baba mu makambi yashizweho n'ishami rya Onu rijejwe impunzi kw'isi HCR n'irijejwe abimukira OIM.
Lieutenant Fernandez

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Lt Fernandez araboneka aha mw'ikambi ya Lodha. Reta yagumye igerageza gusaba abahoze barongoye imigwi igwana mu ntambara zihitiye gushigikira amahoro inyuma y'aho babiri muri bo, bari bamaze igihe kirekire bapfunzwe bazira ivyaha vyo mu ntambara barekuriwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC mu kwezi kwa gatatu.
Child at a camp

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, Umwana wo muri imwe mu makambi akangutse abonye umusirikare wa Onu ariko arakizura. Imigwi ishamiranye muri Ituri iratana mu mitwe kenshi ipfa ibirombwe bimbamwo inzahabu biri muri iyo ntara, bimeze nk'inka bakamisha ku bagwani n'abandi bantu bakomakomeye haraciye imyaka n'iyindi.
1px transparent line
Night scene

Ahavuye isanamu, Hugh Kinsella Cunningham

Insiguro y'isanamu, N'imiburiburi itoni 1.1 z'inzahabu zaragurishijwe rwihishwe zivuye muri Ituri mu 2019, nk'uko biri mu cegeranyo c'abahinga ba Onu co mu kwezi kwa gatandatu. Ico cegeranyo congerako ko, iyo zagurishwa mu mategeko, hari kuvamwo amakori angana n'amadolari imiliyoni 1.9.

Amafoto yose ni aya Kinsella Cunningham.