Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tigray: Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia ariyamiriza ibiganiro vy’amahoro
Leta ya Ethiopia itangaza ko idashobora kwicarana n'abarongoye intara (Leta) ya Tigray yo mu buraruko bw'iki gihugu kugira ngo barangize intambara, nk'uko umwe mu bahanuzi bakuru b'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yabibwiye BBC.
Mamo Mihretu avuga ati: "Ntituganira n'inkozi z'ikibi…ahubwo turabarengutsa imbere y'intahe, ntitwicarana nabo ku meza y'ibiganiro".
Aha ni inyuma y'aho umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika usabiye ubutegetsi bwa Ethiopia kuganira n'abarongoye leta ya Tigray.
Iyi ntambara ivugwa ko imaze guhitana abaharurwa mu majana, abandi nabo baharurwa mu bihumbi bakaba bamaze guta izabo. Ishirahamwe ONU riragabisha ko ibintu bishobora kuyangara.
Ku wa gatanu, umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, asanzwe arongoye umuryango w'Ubumwe bwa Afrika, yaragenye abahoze ari abakuru b'ibihugu batatu - Joaquim Chissano wa Mozambike, Ellen Johnson Sirleaf wa Liberiya na Kgalema Motlanthe wa Afrika y'epfo - kugira ngo bahagararire ibi biganiro.
Ariko ubutegetsi bwa Ethiopia buvyamirira kure, bukavuga ko ibikorwa vya gisirikare bifise intumbero yo kugarukana iyubahirizwa ry'amategeko mu gihugu.
Ingabo za leta zitangaza ko zimaze kwigarurira ibisagara bikuru bikuru muri iyo leta kandi ko ziriko ziritegura gufata umugwa mukuru wa Tigray, Mekelle.
Ni iki kindi umuhanuzi wa Abiy yavuze?
Bwana Mamo avuga ati: "Igikorwa nyamukuru benewacu na bashikacu ba Afrika bokora ni ugutera igitsure TPLF ikamanika amaboko, kuri iki kintu rero, ntibikenewe ko hari uwurinda kuja i Tigray canke Mekelle kubibumvisha".
Avuga ko aba bahoze barongoye ibihugu - biteze gushika mu gihugu mu minsi iri imbere - batazoshobora kugendera Tigray kubera ibikorwa vya gisirikare bibandanya.
Ibikorwa vy'ugutumatumanako amakuru no kwunguruza abantu vyarahungabanye cane kuva iyi ntambara yaduka.
Bwana Mamo avuga ko leta iriko irakora "uko ishoboye kwose" kugira ngo amashirahamwe y'abagiraneza ya ONU ashobore gushira imfashanyo abanyagihugu ba Tigray.
Kuri uyu wa Mungu, igisirikare ca Ethiopia catangaje ko kiriko citegurira gufata Mekelle.
Koloneli Dejene Tsegaye, umuvugizi w'igisirikare, yabwiye ikinyamakuru ca leta Ethiopia Broadcasting Corporation, ati: "Igice gikurikira ni igikorwa gikomeye, kikaba cerekeye kuzinguriza Mekelle dukoresheje amaburende, kurangiza intambara zibera mu misozi hamwe no gutera tuja imbere ku rugamba".
Aya makuru avuga kandi ko abanyagihugu bagabishijwe ko vya muzinga ari vyo bizokoreshwa muri iki gitero.