Ntibantunganya avuga ko amatora muri Tanzania yagenze neza

Insiguro y'amajwi, Ntibantunganya avuga ko amatora muri Tanzania yagenze neza
Yatangajwe

Sylvestre Ntibantunganya yahoze arongoye u Burundi akaba arongoye intumwa z'umuryango w'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko mu matora ya Tanzania arashima ingene aya matora yagenze.

Asaba abatashimishijwe n'ivyavuye mu matora kwisunga ico ibwirizwashingiro hamwe n'itegeko rigenga amatora muri Tanzania bivuga, bagashira imbere ineza y'abatanzania, cane cane bagashira imbere amahoro n'umutekano.

Fyonda aho hejuru ku ifoto wumvirize ingene yavuganye na Jacques Niyitegeka wa BBC Gahuzamiryango.