Johnson & Johnson yahagaritse igeragezwa ry'urucanco rwa Covid kubera hari uwarwaye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikompanyi Johnson & Johnson ikora imiti yo muri Amerika yahagaritse vy'agateganyo igerageza ry'urucanco rwa Covid kugira ngo habanze hakorwe amatohoza ku catumye umwe mu bariko barugeragerezwako arwara.
Iyi kompanyi ivuga ko umurwi wigenga uzokwihweza nimba hari isano hagati y'iyi ndwara y'uyu muntu itasiguwe n'imiti bamuteye.
Yahagaritse ibikorwa vyo kurondera abandi bakorerwako igerageza ryo ku rwego rugira gatatu mu ntumbero yo kwicungera.
Iyi kompanyi ivuga ko iyo hari abantu benshi bariko bageragerezwako, aho usanga baharurwa mu bihumbi mirongo, ni ukwama umuntu yiteze ko hagira abo bigirako ingaruka atari nziza.
Iyi kompanyi kandi ivuga ko idashobora gushikiriza vyinshi ku mwidondoro w'uyu muntu mu ntumbero yo kumubikira ibanga.
Mw'itangazo yasohoye dusoma tuti: "Turiko turigira vyinshi kandi kuri ino ndwara y'uyu muntu, ni nkenerwa ko tumenya vyose kuri we kugira ngo bishobore gufasha n'abandi".
Si rwo rucanco rwa mbere ruhagaritswe vy'agateganyo rwariko rurageragezwa.
Mw'igeragezwa ririko rirakorwa n'ishure kaminuza ya Oxford, hari uwariko arageragerezwako nawe nyene yanduye indwara itasiguwe neza biba ngombwa ko babanza guhagarika urucanco rwariko rurakorwa.
Ariko mu nyuma rwaje kwemezwa ko ata ngorane rufise, ko rero rushobora gusubira kugeragezwa, kiretse muri Amerika aho abagenduzi bakiganira n'ikompanyi Astra Zeneca.
Hafi incanco 180 nizo ziriko zirageragezwa kw'isi yose, ariko nta na rumwe rurashobora guheza kugeragezwa.
Urucanco rw'ikompanyi Johnson & Johnson, co kimwe n'uru rwa kaminuza ya Oxford ikorana na Astra Zeneca, rugeze ku ntambwe ishimishije.
Johnson & Johnson yatanguye kurondera abantu yogeragerezako mu mpera z'ukw'icenda, ifise intumbero yo kurondera abashika 60.000 ku bigo birenga 200 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika co kimwe no muri Amerika y'Ubumanuko no muri Afrika y'Epfo.










