Saido Ntibazonkiza inyuma y'igitsindo yatsinze Tanzania, Young Africans yamutwaye

Ahavuye isanamu, Young Africans
Saido Ntibazonkiza, yahora abarizwa mu mugwi wa Vital'o, yagiriraniye amasezerano yo gukinira umugwi wa Young Africans wo muri Tanzania nk'uko iyo kipe ibimenyesha.
Uwo mukinyi rurangiranwa w'imbere w'Uburundi, agiye muri uwo mugwi inyuma yo gutsinda igitego kimwe ku busa Uburundi bwatsinze Tanzania mu rukino rwa kivukanyi ku munsi w'Imana.
Amasezerano hagati y'umugwi wa Young Africans na Vital'O kuri uyu mukinyi ntarashirwa ahagaragara.
Saido Ntibazonkiza yaheruka gukinira Intamba mu rugamba haraciye imyaka itanu, mu rukino rwari rwabahuje n'izinga rya Morise (Maurice), aho ivyo bihugu bibiri vyari vyanganije igitego kimwe ku kindi.
Muri urwo rukino rwabereye mw'izinga rya Morise, Ntibazonkiza ari kizigenza, yaragirijwe kwitwara nabi harimwo no kubuza bagenziwe gukina, bituma ahagarikwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi, FFB, gusubira gukinira igihugu ciwe.
Umurundi Ntibazonkiza, muri Young Africans asangayo Haruna Niyonzima wo mu gihugu kibanyi c'u Rwanda, na ho nyene Saido azwi cane n'aho atahakinye.
Mu 2005, yaraguzwe n'umugwi wa Rayon Sports, we na Bernard Mwarara, ariko bankirwa gikina muri uwo mugwi.
Bompi ntibahawe impapuro zibarekurira gukinira Rayon Sports, ikibazo cateje impari zikomeye ico gihe hagati y'abafana ba Rayon Sports bagiriza umugwi bakebana wa APR FC kubigiramwo uruhara.
Saido Ntibazonkiza amaze gukina mu migwi myinshi mu bihugu bitandukanye mu karere, na Buraya nko muri Holande, Polonye n'Ubufaransa.
Azwi mu gihugu ciwe nk'umukinyi kizigenza yagiye afasha bagenziwe bo mu mugwi nserukiragihugu mu kubafashisha intererano y'uburyo mu gihe igihugu caba cakehaniwe.










