Abategetsi b'ibihugu vy'akarere bumvikanye iki?

Félix Tshisekedi wa DR Congo, Paul Kagame w'u Rwanda, Yoweri Museveni wa Uganda na João Lourenço wa Angola

Ahavuye isanamu, Présidence RDC

Insiguro y'isanamu, Félix Tshisekedi wa DR Congo, Paul Kagame w'u Rwanda, Yoweri Museveni wa Uganda na João Lourenço wa Angola ni bo baganiriye muri iyi nama yabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo
Yatangajwe

Mu nama yabahuje, abakuru b'ibihugu mu karere k'ibiyaga binini biyemeje gushira inguvu hamwe mu ntumbero yo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho igisibije aka karere.

Iyi nama yabaye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 07/10 hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, yabaye akaryo ko kwihweza ibibazo vy'akarere mu ntumbero yo gukomeza umubano hagati y'ibihugu bitanu vyari vyatumiwe muri iyi nama.

Perezida Félix Tshisekedi wa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo ni we yateguye iyi nama, ikaba yitabwe na Paul Kagame w'u Rwanda, Yoweri Museveni wa Uganda na João Lourenço wa Angola.

Perezida Evariste Ndayishimiye w'u Burundi ntiyayitavye n'aho yari yatumiwe.

Angola na DR Congo mu mwaka uheze no mu ntango z'uyu, vyarabaye abahuza mu matati hagati y'u Rwanda na Uganda.

Mw'itangazo ryasohowe inyuma y'iyi nama, aba bategetsi biyemeje gukomeza imigenderanire mu ntumbero yo kugarukana amahoro mu karere k'ubuseruko bwa Congo hamwe n'akarere kose k'ibiyaga binini.

Muri iyi ntumbero bavuze ko bagomba "kurandurana n'imizi iyi mirwi yitwaje ibirwanisho ihungabanya umutekano mu karere".

Bavuze ko hakomezwa uburyo bwo "guhagarika amasoko y'amafaranga abaha uburyo bwo gukora ibikorwa vyabo bibi".

Muri ayo masoko bavuzwemwo urudandazwa rw'ubutare (amabuye y'agaciro mu Kinyarwanda) ku rwego mpuzamakungu.

Hampande y'ibibazo vy'umutekano, biyemeje gukomeza imigenderanire ishingiye ku butunzi mu kworohereza urudandazwa hagati yavyo.

Iyi nama yari imaze gusiba incuro zibiri, iyiheruka kwunguruzwa yari itegekanijwe ku wa 20 z'ukw'icenda, aho abakuru b'ibi bihugu bari bararitswe guhurira mu gisagara ca Goma.

U Rwanda rwanse kuyitaba kubera ibibazo vy'ikiza karanda ca Covid-19, nayo u Burundi bukaba bwari bwanse kuyitaba kubera "abategetsi bari bafise ibikorwa vyinshi", nk'uko itangazo ry'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwabisiguye.

Hagati aho, leta y'u Burundi ntiyamenyesheje igituma Bwana Ndayishimiye atitavye iyi nama yo kuri uyu wa gatatu yabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo.

Ni mu gihe umushikiranganji w'imigenderanire ya Congo, Marie Ntumba Nzeza, yari aherutse mu rugendo mu Burundi, mu vyari bimujanye hakaba harimwo ubutumire bw'iyo nama Bwana Tshisekedi yarungikiye Bwana Ndayishimiye.

BBC yagerageje kuvugana n'umushikiranganji w'imigenderanire y'u Burundi n'ayandi makungu Albert Shingiro, hamwe n'umuvugizi w'umukuru w'igihugu Jean Claude Karerwa, bompi bakaba ata nsiguro batanze.