Adama Traore akinira Wolves ategerezwa guhitamwo hagati ya Espagne na Mali

Yatangajwe

Umukinyi w'imbere ku ruhande rw'iburyo muri Wolverhampton Wanderers, Adama Traoré, yaratumweko ku munsi wa gatanu n'umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu wa Espagne, Luis Enrique, aho rero ni mu gihe hari haciye iminsi itatu Mali nayo imutumyeko.

Traore, uyu mukinyi yavukiye i Barcelone muri Espagne ku bavyeyi bakomoka muri Mali, ariko araronderwa n'imirwi nserukirabihugu y'ibi bihugu vyompi kuva mu mezi 18 arangiye.

Ku myaka 24, afise uburenganzira bwo guhitamwo igihugu yipfuza hagati y'ibi bibiri, kubera atarigera akinira umurwi n'umwe w'abakuze ku rwego mpuzamakungu.

Aramaze gutumwako incuro zibiri Espagne, ariko biba ngombwa ko avamwo mu mwaka uheze kubera imvune, hanyuma no mu kw'icenda uno mwaka kubera yari yanduye Covid-19.

Abajijwe ku kibazo ca Traore, umumenyereza Enrique yishuye ati: "Ubu rero arashobora gukina kuko ni incuro igira gatatu atumweko".

"Ndipfuza cane kumubona mu murwi nserukiragihugu wa Espagne. Nayo ku vyerekeye ko yatumweko na Mali, ni ah'iwe gufata ingingo".

"Ariko ku vyo nzi, aripfuza gukina iwacu, ariko ni ingingo yiwe ubwiwe kandi turubahiriza ingingo ziba zifashwe n'abakinyi ku bibazo nk'ibi".

Gushika ubu, Traore ntaragira ico ashikirije ku bijanye no guhamagarwa n'imirwi ibiri, n'aho abihweza ibintu n'ibindi mu bijanye n'umupira w'amaguru babona ko amahirwe menshi ari uko ahitamwo Espagne.

Mu gihe Traore yokinira Espagne mu rukino rumwe gusa mu nkino zimirije mw'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ya Bulaya, aho Espanye izohura n'Ubuswisi ku wa 10 z'uku, hanyuma na Ukraine haciye iminsi itatu, aho bizoba birangiye, ntazoshobora guhindura umurwi.

Mali irarindiriye kandi ingingo izofatwa n'uwahoze ari umukinyi mpuzamakungu w'Ubufaransa, Abdoulaye Doucoure aherutse kwinjira muri Everton muri kano karuhuko k'inkino mpuzamakungu.

Ariko rero hagize umwe mu bakinyi akinira Mali, aho arafise uburenganzira bwo guhindura, kuko kino gihugu ca Afrika citeze gukina urukino rwa kivandimwe.

Nk'uko amategeko ya FIFA abivuga, abakinyi barengeje imyaka 21 barinze bakinira igihugu kanaka mw'ihiganwa ryo ku rwego mpuzamakungu mu bakuze, ntibashobora gukinira ikindi gihugu.

Hagati aho, iyi ngingo iherutse guhindurwa mu nama ya FIFA mu kwezi guheze isanzwe iba buri mwaka, bafatiye ku ciyumviro cari catanzwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Maroc.

Rero kuva ubu, abakinyi batararenza imyaka 21 barashobora guhindura igihugu bakinira iyo batarashobora gukina inkino zirenga zitatu.

Hanyuma kandi, iyo umukinyi arinze akinira igihugu mu nkino za nyuma z'igikombe c'isi canke ku rwego rw'umugabane, nk'akarorero, igikombe c'imirwi nserukirabihugu ca Afrika, ntashobora guhindura igihugu.

Ariko iyi ngingo ntikora iyo amaze gukina gusa mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja muri ayo mahiganwa mpuzamakungu.