Burundi: Hon. Fabien Banciryanino apfunzwe yagirizwa 'gushaka gutembagaza ubutegetsi'

Fabien Banciryanino yamenyekanye cane aho yatanga ivyiyumviro binenga ubutegetsi bw'umuhisi Perezida Nkurunziza, yicaye mu nama nshingamateka

Ahavuye isanamu, Burundi Parliament

Insiguro y'isanamu, Fabien Banciryanino yamenyekanye cane aho yatanga ivyiyumviro binenga ubutegetsi bw'umuhisi Perezida Nkurunziza, yicaye mu nama nshingamateka
Yatangajwe

Fabien Banciryanino yahora ari umushingamateka mu kiringo kirangiye apfungiwe mu gasho k'ibiro vy'igipolisi bijejwe amatohoza (BSR), inyuma y'aho afatiwe mu gatondo ko ku wa gatanu nk'uko vyemezwa n'uwahafi cane mu muryango wiwe.

Yapfunzwe amaze kubuzwa kuremesha ikiganiro n'abanyamakuru ashaka kwiyamiriza amakuru yamuvuzweko ku rubuga rwa YouTube y'uko yatyogeje umukuru w'igihugu, ivyo yamirira kure.

Fabien Banciryanino azwi cane ko atarya umunwa mu gushikiriza ivyiyumviro vyiwe mu nama nshingamateka yahahora, vyanegura ubutegetsi bw'umuhisi Perezida Pierre Nkurunziza.

Yarwanije integuro y'itegeko ryemerera uturusho Bwana Nkurunziza yategurirwa igihe azoba yavuye ku butegetsi, vyashitse aho uwahora arongoye iyo nama nshingamateka Pascal Nyabenda amwita "icihebe".

Ku wa gatanu amaze gushikanwa muri BSR, bimwe mu vyo yagirijwe ni "gushaka gutembagaza ubutegetsi kandi ko yarwanije leta yahahora" nk'uko uwo mu muryango wiwe wa hafi yabibariye BBC.

Ntaco igipolisi kirashikiriza ku mugaragaro kuri ivyo bivugwa n'uyo muntu yegereye umuryango wa Bwana Banciryanino.

Inyendamuvano y'ifatwa rya Bwana Banciryanino, ni ikete ryo ku wa 29 z'ukw'icenda uno mwaka, yandikiye komiseri mukuru ajejwe ibiro vy'inyamiramabi i Bujumbura, amusaba kumuronderera umunyamakuru avuga ko yamubesheye mu kinyamakuru gikorera ku rubuga rwa YouTube.

Mw'iryo kete, Banciryanino avuga ko uyo munyamakuru yamwambitse ibara ko yashize isoni umukuru w'igihugu, ivyo avuga ko atokwubahuka.

Uyu wo mu muryango wiwe atifuje gutangazwa, yabwiye BBC ko Bwana Banciryanino yafashwe n'umukuru wa Zone Ngagara asanzwe abamwo, Imelde Ndikuriyo, amusanze muhira, ari kumwe n'abapolisi.

Ati: "Yafashwe inyuma y'aho asabiye ikiganiro n'abanyamakuru, yari yanditse ikete asaba uruhusha kugira ngo abibeshuze. Yamubujije ico kiganiro aca aramufata".

Umuryango wiwe ubona ko ivyo yagirizwa bidafashe, na rirya harimwo ivyo yavugiye mu nama nshingamateka.

Uyu yegereye umuryango wiwe avuga ati: "Ibintu umuntu avugiye mu nama nshingamateka ntibishobora kumukurikirana, kuko ni iciyumviro ciwe kiba kiri ku mugaragaro".

Avuga kandi ko "yagirijwe ko 'ari umurwanyi' kandi atari umurwanyi, kandi ko yavuze y'uko umukuru w'igihugu atazomutwarana, ko azomurwanya nk'uko yarwanije uwundi".

Bwana Banciryanino, yashikanywe kuri BSR isaha zitatu z'igitondo, aca aza kwumvirizwa isaha cumi n'imwe z'umugoroba, ahejeje kwumvirizwa aca yinjizwa agasho nk'uko uyu wo mu muryango wiwe abivuga.