Burundi: Imvo n'Imvano irasesengura iminsi 100 ya 'Leta mvyeyi, Leta nkozi' ya Perezida Evariste Ndayishimiye

Insiguro y'amajwi, Burundi: Imvo n'Imvano irasesengura iminsi 100 ya 'Leta mvyeyi, Leta nkozi'
Yatangajwe

Mwaramukanye amahoro mwese muteze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uyu wa gatandatu tariki 3 z'ukwa 10 mu 2020. Ku wa gatanu w'icyumweru gishize, hari tariki 25, ubwo umukuru w'u Burundi Evariste Ndayishimiye yuzuzaga iminsi 100 amaze ku butegetsi.

Yizihije uwo munsi avugana n'abaturage hamwe n'abanyamakuru, bamubajije ibibazo banatanga n'ibitekerezo babinyujije kuri Radio y'igihugu. Benshi bashakaga kumenya icyo leta Perezida Ndayishimiye yise LETA MVYEYI, LETA NKOZI akimara kurahira, imaze kugeraho muri iyi minsi ijana.

Mu ijambo yagejeje ku Barundi amaze kurahiza abashikiranganji ku itariki 30 z'ukwa 6 gushize, Perezida Ndayishimiye yavuze ko leta ye igiye kwitwararika ku ngingo zirimo Intwaro ibereye, Amagara y'abantu, Uburimyi n'Ubworozi , Urwaruka, kubungabunga abakukuruke bakoreye igihugu, hamwe no gutorera umuti ikibazo cy'abateshejwe izabo mu gihe cy'amagume. Yasabye abashikiranganji yari amaze gushyiraho ko biha intego yuko mu mpera z'uyu mwaka, Abarundi bazareba bagasanga ibintu byarahindutse mu bisata byose bigize ubuzima bw'igihugu.

Yego umwaka nturarangira, ariko iminsi 100 ishobora kuba indorerwamo y'imikorere y'iyo leta umuyobozi wayo yise LETA MVYEYI, LETA NKOZI.

Hari imiryango mpuzamahanga, cyane cyane irengera uburenganzira bw'ikiremwamuntu, yasohoye ibyegeranyo binenga imikorere y'iyo leta mu rwego rwo kubahiriza uburenganzira bw'ikiremwamuntu. Ndetse n'umuryango Ligue Iteka uharanira uburenganzira bw'ikiremwamuntu ariko ukorera hanze y'u Burundi ni ko ubibona.

Hari n'impuguke z'Abarundi zatangaje uko zibona imikorere y'iyo leta mu zindi nzego nk'ubukungu, iterambere n'ububanyi n'amahanga. Muri rusange icyo bahurizaho n'uko inzira ikiri ndende.

Natwe muri Gahuzamiryango, twahisemo ko Imvo n'Imvano y'uyu munsi isesengura imikorere ya leta LETA MVYEYI, LETA NKOZI ya Perezida Ndayishimiye wagiye ku butegetsi nyuma y'itabaruka rya Perezida Pierre Nkurunziza wahitanywe n'indwara. Ariko nanone, umugambwe CNDD-FDD wari wamaze kwegukana intsinzi mu matora rusange yabaye mu Burundi ku itariki 20 z'ukwezi kwa 5 muri uyu mwaka.

Ese leta imaze gutera intambwe ingana gute mu rwego rwo gushyira mu bikorwa intego nyamukuru Perezida Ndayishimiye yemereye Abarundi?

Abatumire bacu ni ni Jean de Dieu Mutabazi, umukuru w'umugambwe Rassemblement des Démocrates pour le Développement, wegamiye ku butegetsi, Faustin Ndikumana, umuhinga mu by'ubutunzi watanze umwihwezo ku bijyanye n'ubutunzi hamwe n'intwaro ibereye nyuma y'iminsi 100 Perezida Ndayishimiye agiye ku butegetsi na Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME, ishyirahamwe rirwanya igiturire n'isesagurwa ry'amatungo y'igihugu mu Burundi.

Twanatumiye abo mu biro by'umukuru w'igihugu no muri leta, ariko ntibashatse kuba muri iki kiganiro.

Iki kiganiro murakigezwaho na Félin Gakwaya