Inama yohuje abakuru b'igihugu vy'akarere i Goma yasivye

Ahavuye isanamu, PRESIDENCE RDC
Ya nama yari itegekanijwe hagati y'abakuru b'ibihugu vy'akarere k'ibiyaga binini kuwa Mungu 20/09/2020 i Goma mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo yasivye.
Ibi ni ivyamenyeshejwe n'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Congo, ariko bukaba butamenyesha itariki iyi nama izoberako nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru vyo muri Congo.
Iyi ngingo ije inyuma y'aho u Burundi bumenyeshereje ko butari kwitaba iyi nama, bukabuva ko abategetsi b'iki gihugu bafatiriwe n'ayandi mabanga y'igihugu.
Ije kandi inyuma y'aho ubushikiranganji bw'imigenderanire y'u Rwanda nabwo nyene bwari bwandikiye bugenzi bwabwo bwa Congo, bubumenyesha ko bwipfuza ko inama yoba "hakoreshejwe bwa buhinga bwa videwo kw'itariki yokwumvikanwako n'abo vyega".
Mw'itangazo yasohoye nijoro ku wa 17/09, Marie Tumba Nzeza, umushikiranganji w'imigenderanire wa Congo, amenyesha ko iyi nama izoba kw'itariki bazomenyesha, kandi ko "izoba hakoreshejwe ubu buhinga bwa videwo kubera ikiza ca Covid-19".
Iyi nama yari yatumweko na Perezida Félix Tshisekedi ikaba yohuje abakuru b'igihugu vya Congo, u Rwanda, Uganda, Angola n'u Burundi kugira bigire hamwe ibibazo bihanze akarere.
Muvyokwizwe muri iyi nama, harimwo ibibazo vy'amahoro n'umutekano mu karere k'ibiyaga binini, imigenderanire hagati y'ibihugu vyo kuri aka karere, hamwe no kunagura ibikorwa vy'ubutunzi hisunzwe utwigoro two kurwanya ca kiza karanda ca Covid-19.
U Burundi bwari bwamaze kumenyesha ko budashobora kwitaba iyi nama kuri iryo genekerezo rya 20 nk'uko biri mu rwandiko Ubushikiranganji bw'imigenderanire yabwo bwarungikiye ubwa Congo.
Leta y'u Burundi yipfuza ko hobanza hakaba inama yohuza abashikiranganji b'ibi bihugu bibiri, u Burundi na Congo, kugira ngo babanze baganire ku bibazo nyamukuru, harimwo umutekano ku rubibe hagati yavyo.










