Me Rugaza ati 'ni jewe nunganira Rusesabagina' umuryango uti 'ntawe dushaka'
Nyuma yo kwumva ko umuryango wa Paul Rusesabagina udashaka uwuvuga ko amwunganira ari i Kigali ahubwo ukagena abandi indwi, twashatse kumenya uwo ari we n'uwamushinze ako kazi.
Mu makuru yacu y'ejo (ku wa gatatu itariki 09/09/2020) twabashikirije ikiganiro twagiranye na Carine Kanimba, umwana wa Rusesabagina, yavuze ko umuryango wiwe wamaze kugena abunganizi b'abanyamahanga barimwo n'Umunyarwanda umwe bazunganira Rusesabagana muri sentare.
Yatubwiye ko umwunganizi w'umunyarwanda bagenye ataremerwa kumuraba canke kuvugana nawe.
Yanatubwiye ko avugana na se, yumvise ko yari kumwe n'umwunganizi witwa David ariko umuryango utemera.
Twarondeye uwo David dusanga ari Maître David Rugaza, umwunganizi yemewe mu Rwanda, tumubaza uko vyagenze ngo abe umwunganizi wa Rusesabagina kandi umuryango wiwe utamwemera.
Ushobora kwumva aho hejuru ikiganira Maître David Rugaza yagiranye na Florentine Kwizera.
