Amaduka ya Clicks adandaza ibimoga muri Afrika yepfo yatewe ku kwamamaza ivanguramoko biciye mu mishatsi

Ahavuye isanamu, EFF
Abari mu myiyerekano bugaje amaduka atari make yegukira ikompanyi idandaza imiti n'ibimoga muri Afrika y'epfo, biturutse kw'itangazo ryo kwamamaza imishatsi ryafashwe ko ari ukwamamaza ivanguramoko.
Mu matangazo yo kwamamaza, ikompanyi Clicks yerekanye imishatsi nyafrika yanditseko ko ari intetere, isa nabi kandi isambaguritse, mu gihe iyindi mishatsi y'umuzungu yerekanywe ko ari myiza kandi igororotse neza.
Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, Economic Freedom Fighters (EFF) uvuga ko iryo tangazo ry'ukwamamaza ari "ivanguramoko" kandi ko "rityoza kiremwamuntu".
Umukuru w'uyu mugambwe Julius Malema asaba ko amaduka yose ya Clicks yugarwa.
Iyi kompanyi iragabisha ko ishobora kwitwarira uyu mugambwe ariko Bwana Malema yahamagaye abanywanyi biwe "kumera magabo", akavuga ko EFF idashobora guhungabanywa "n'amajambo y'iterabwoba".
Mw'itangazo wasohoye, umugambwe EFF uvuga uti: "Inkurikizi z'ibi ni uko akaranga k'umwirabure gasuzuguritse ugereranije n'ako umuzungu".
"Iki ni ugushaka kutwemeza ko uwushaka ubwiza yifata nk'umuzungu, hanyuma kuba umwirabure naho bikitwa ko wagotse, umunyamwanda, kandi ufise utunenge".
Abanywanyi b'uyu mugambwe barigeze gukira imyiyerekano nk'iyi mu 2018 biyamiriza ikompanyi idandaza impuzu H&M inyuma y'aho isohoreye urutonde rwerekana umuhungu w'umwirabure yambaye inkofero yanditseko ko "coolest monkey in the jungle" (inkende nziza cane mw'ishamba).
Iri tangazo ryo kwamamaza rya Clicks ryarerekanywe ku rubuga ngurukanabumenyi mu ndwi iheze ariko rikaba ryaciye rikurwako.
Mw'itangazo yasohoye nijoro ku wa Mungu, uwurongoye Clicks Vikesh Ramsunder yanditse ati: "Ni ukuri ndababaye cane kubona twararetse amasanamu atukana kandi atagira mvura akerekanwa ku rubuga rwacu".
Yongera ko y'uko abo "bakozi b'urwangara" bahagaritswe.
Ariko uku gusaba imbabazi kwiwe ntikwahumurije abanywanyi ba EFF bakoze ibitero ku maduka menshi mu gihugu cose uno munsi ku wa mbere.
Amareresi yakwiragijwe ku rubuga rwa Twitter yerekana amaduka amwe amwe ya Clicks yugaye, mu gihe ayandi nayo yari afise abajejwe umutekano bazibiye abari mu myiyerekano imbere yayo bariko bararirimba.
Mu yindi reresi, abanywanyi b'uyu mugambwe berekanwa bariko barasambura utumeza tw'idandarizo (étagères) mw'iduka.
Mu ntara ya Mpumalanga, umurwi w'abantu bateye ikibombe gikozwe muri peterori (cocktail Molotov)kw'iduka rya Clicks mu karere ka Emalahleni.
Umuvugizi w'igipolisi muri iyo ntara, Leonard Hlathi, avuga ko amadirisha makeya y'iryo duka ari yo yononekaye, ariko ko iduka ryo ubwaryo rikomeye.










