Jessica Krug, umwigisha muri kamunuza yamye abesha ko ari umwirabure kandi ari umuzungukazi

Aha ni mu 2019 Jessica Krug afite igitabo cye yise Fugitive Modernities

Ahavuye isanamu, Duke University Press

Insiguro y'isanamu, Aha ni mu 2019 Jessica Krug afite igitabo cye yise Fugitive Modernities
Yatangajwe

Umwigisha wa kaminuza asanzwe yigisha ibijanye na kahise ka Afrika hamwe n'abanyafrika baba mu makungu avuga ko yakoreye ku kinyoma akiyita ko ari umwirabure.

Jessica Krug, yigisha muri kaminuza George Washington, avuga ko mu bisanzwe ari umuzungu w'umuyahudikazi ava mu gisagara ca Kansas City.

Ati: "Jewe ni ukuri narubakiye ubuzima bwanje ku kinyoma kibi mu ntumbero yo kurwanya abirabure, kandi umwanya wose nabayeho nagumye ndema ikinyoma".

Ibi bintu vy'uyu mugore bifitaniye isano n'ivy'uwitwa Rachel Dolezal, umuzungukazi yarwanira inyungu z'abazungu ariko yiyita ko ari umwirabure.

Uyu mupfasoni Dolezal yatanguye kumenyekana mu 2015 igihe abavyeyi biwe batangarije icese ko ari umuzungukazi.

Ejo ku wa kane, Jessica Krug yanditse mu kinyamakuru Medium co ku rubuga ngurukanabumenyi ko yabeshe ku bimuranga "kandi ntari ndabifitiye uburenganzira".

Ati: "Ubwa mbere niyise umwirabure ava muri Afrika y'Uburaruko, hanyuma umwirabure yashinze imizi muri Amerika, hanyuma ko nkomoka muri Karayibe".

Avuga ko iyi ngendo ari "ikimenyetso c'ihohotera, ubusuma no kwigarurira ibitari rwawe, zimwe mu nzira nyinshi cane zikoreshwa n'abatari abirabure mu kugerageza gukoresha no kwiba akaranga n'imico y'abirabure".

Avuga ko yabandanije akora gutyo mbere no mu migenderanire yiwe bwite.

Yemeza ko yakoresheje ivyo binyoma kubera ibibazo vyo mu mutwe hamwe n'ihahamuka yagize akiri muto, n'aho avuga ko ibi bitari bikwiye kuba ivyitwazo kuri iyo ngendo yiwe.

Mu vyo yanditse muri ico kinyamakuru, Jessica Krug ntiyamenyesheje imvo yatumye ashira ahabona ububeshi bwiwe yakoze, kandi n'igihe yamaze abesha.

Hagati aho umwanditsi Hari Ziyad avuga ko uyu mupfasoni yafashe ingingo yo gushira ahabona ibinyoma yamaze igihe agenderamwo "kuko yabonye ko yari yamaze guhinyuka".

Yanditse ati: "Jess Krug... ni umuntu namye nita umugenzi gushika muri kano gatondo aho yampamagara ambwira ko ivyanditswe vyose ari vyo. Ivyo ari vyo vyose ntiyabikoze ku gatima keza".

Ibinyamakuru bivuga ko umupfasoni Krug yigeze kuba akoresha izina Jessica La Bombalera nk'uwuharanira uburenganzira bwa muntu.

Mw'ireresi imwe yakwiragijwe mu ntango z'uno mwaka, yerekanywe yiyamiriza abazungu ba New York, abagiriza ko bananiwe "guha umwanya abirabure hamwe n'abasangwabutaka".

Kaminuza ya George Washington, aho umupfasoni Krug asanzwe yigisha ivyigwa vya kahise ka Afurika na Karayibe, ivuga ko "izi neza" ivyo Krug yanditse kuri Medium, ariko ko idashobora kugira ico ivuga ku vyo yavuze.